Isekeza ryacu “Akazi kuri bose” rifise intumbero yo gutuza ubushomeri n’ubugunge biciye muvy’ akazi . Twibaza yuko umuntu wese afise uburenganzira bwo kurangura no kuronka akazi kamukwiye , kandi kamufitiye inyungu.
Ibiharuro bishikirizwa n’Ishirahamwe Mpuzamakungu rijejwe akazi kwi’isi ariryo OIT mu mpfunyapfunyo rimenyesha yuko abantu bangana n’imiliyoni 170 kw’isi batagira akazi . Mu bagafise nabo hafi abantu imiliyoni 700 ntibarenza idollar 1,90 mu mafaranga y’abanyamerika , nukuvuga amafaranga ari munsi y’ibihumbi 5.000 mu mafaranga y’amarundi. Abantu barenga igice c’ababa muri Afrika baharurwa mu bantu bakenye gusumba abandi kw’isi nukuvuga yuko bataronka amadollars y’abanyamerika 2 ku munsi .
Turavye mu bindi bice vy’isi , igabanganwa ry’ubutunzi hagati y’abatunze n’abakenye ryerekana yuko hafi ibice vy’abantu 26% mu batunze banganya ubutunzi n’ibice 50 % vy’abantu mu bakenye. Ibi bisigura yuko kandi hariho akarwi gatoya k’abantu batunze , mu gihe ubutunzi bw’ikindi gice kinini cane c’abantu kitegereza na gato ubwo butunzi . Twibaza yuko bidakenewe na gato yuko ibintu bibandanya gutryo , yuko hariho ubundi buryo bwiza kandi butomoye bwo kugabangana ubutunzi bw’ibihugu n’abantu kugira dushike ku buntungane busumba ubuhari .
Kugira dutorere umuti ico kibazo twaratanguje umugambi mu mashule yo mu gihugu c’Ubugande kugira ngo umwana wese ahejeje amashule ashobore kuba afise ubumenyi bwomutuma ashobora gushinga ishirahamwe ritoya ryotuma yimbura akiteza imbere. Abana bakura ubumenyi mu mashule kuko niho batangurira kwiga ingene botunganya amashirahamwe mato mato muri wa mugambi wacu « Infungurwa kuri bose kandi kubuntu”.
Dufatiye ku migambi ifise intumbero yo kurandurana n’imizi ubushomeri n’ubukene biribonekeza yuko dushobora kwubaka isi itunganye gusumba ivyo tubona muri kino gihe.