Ukuri guca mu ziko ntigusha

Ikinyoma, ububeshi bimeze nk’umuntu afashe ca cuma kiduza abantu n’ibintu mu mazu maremare bita ascenseur mu rurimi rw’igifaransa, biranyaruka gushikira abantu kugira bimenyekane. Ukuri gufata ingazi n’ukuvuga yuko gushika gutevye, ariko gushika ari kwose atakivuyeko. Iyo ikinyoma gitowe yuko ari co, kimera nk’ibarafu kuzuba canke mu mucanwa: kirazimangana uwagishikirije nawe agasigara ari ikimaremare mu bandi.…

Details

Abarimyi bo muri Kenya batanguye gushora amavoka mu gihugu c’Ubushinwa

Abarimyi b’amavoka bo muri Kenya ntibarira, igihugu c’Ubushinwa caraye kibemereye yuko bashora ivyamwa vy’amavoka mu gihugu cabo. Mu mwaka wa 2020 ico camwa cinjije muri Kenya amafaranga arenga imiliyoni 100 mu ma dollars yo muri Amerika nukuvuga hafi imiliyaridi 14 mu ma shillingi yo muri Kenya. Bibwirwa benshi bikumva benevyo. None hari icigwa Abarundi bohakura?…

Details

Imiti y’ikirundi yoba ifise kazoza?

Ibihugu bikiri mu nzira y’amajambere canke bimaze kwisunura gatoya biriko birarangura intambwe ikomeye mu guteza imbere imiti y’ikirundi canke imiti ifatiye ku buhinga kama, ubwo bumenyi tukaba twabusigiwe nabo hambere. Ivyo bihugu vyatanguye gukorana n’ibihugu hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu mu gushinga amashirahamwe yo kuyungurura ibiterwa kugira imiti ivuyemwo ishobore gufasha abarwayi. None ibintu bimeze gute mu…

Details

Ubuvuzi bwa none bushingiye ku duce ngirabuzima

Ubuvuzi bwa none bushingiye ku duce ngirabuzima Ubuvuzi bufatiye mu duce ngirabuzima aritwo bita “cellule”mu gifaransa n’ubuhinga bushasha bwo kuvura bwavumbuwe na Muganga Dr. Matthias Rath, umuganga rurangiranwa yakoranye na wa munyabwenge Dr. Linus Pauling wo muri Leta Zunze Ubumwe z’Amerika, akaba ari mu bahinga bane gusa mu baronse agashimwe kitiriwe Nobel incuro zibiri( Chimie no…

Details

Ikigo «Urugendo rw’ubuzima» carateje igipimo c’ikawa I Bugande

Umurwi «Urugendo rw’ubuzima mu Bugande» ubandanya utera imbere mu gihugu c’ubugande. Muri kino gihe uwo murwi umaze kuronka icicaro mu burere 21 . Uramaze gushingaimirima y’akarorero kugira abanywanyi bazo bararabirako mu bikorwa yabo ariyo: Amagara meza kuri bose kandi kubuntu , Infungurwa kuri bose kubuntu , akazi kuri bose Ivyo bicapo mubona hejuru vyerekana umushingantaheTwikiriize…

Details

ITANGUZWA RY’UMUGAMBI W’INDIMO ZA RUSANGI MURI WA MUGAMBI NYAMUKURU W’URUGENDO RW’UBUZIMAMU GIHUGU CA MALAWI

Vyanditswe na  Doreen Kumwenda Jephtar Nkibona ubwambere umuhora ngurukanabumenyi « Urungendo rw’ubuzima » nkongera nkihweza ibikorwa biteye igomwe vyaranguwe kw’isi , na cane cane mu gihugu co mu Bugande , naciye ngira nti natanzwe . Nca nkora uko nshoboye kugira ntaguze uwo murwi nkoresheje ishirahamwe ryigenga ryanje “Fondation Emmanuel”. Mfatanije n’umurwi dukorona twaciye turondera imiryango twoshobora gukorana…

Details

GUTEZA IMBERE AMAGARA Y’ABANTU MU RWARUKA RUGERAMIWE N’UBUKENE MU GIHUGU CA GHANA

Vyanditswe  Barnabas Wepere Awiah Umuyobozi akongera akaba uwashinze ikigo  Foundation Great Initiate muri Ghana. Itanguzwa icese ry’umugambi washinzwe n’ikigo Great Initiate Foundation, ubifashijwemwo n’ikigo kidaraharanira inyungu ca Muganga Rath mu vyerekeye amagara y’abantu « Fondation du Dr Rath pour la Santé’ mu mwaka w’i 2019, ryaragize akamaro ntangere ku rwaruka rw’abakiri bato bageramiwe n’ubukene mu gihugu…

Details

ITANGUZWA ICESE RY’IMIRIMO RUSANGI MU GIHUGU C’UBUGANDE.

Umugambi “Urugendo rw’ubuzima”mu gihugu c’Ubugande caratanguje igikorwa gishasha icambere catanguwe camaze kurangira  . Igikorwa ca kabiri cakoranije abarimyi, abigisha , abubatsi abarongoye abandi ku misozi. Uwo mugambi mushasha ushigiye cane cane imirima y’akarorero kugira abantu bavome ubwenge n’ubumenyi, maze bashobore gushika kuri za ntumbero twamaze gushikiriza: amagara meza kuri bose, akazi kuri bose, infungurwa kuri…

Details

UMUGAMBI «URUGENDO RW’UBUZIMA» URAMAZE KUGIRIRA AKAMARO ABANTU BASHIKA IBHUMBI 100.000 MU BUGANDE.

Umugambi wacu «Urugendo rw’ubuzima» mu gihugu c’ubugande uguma utera imbere mu bihugu. Uwu mugambi watanguye mu mwaka wa 2015, ukaba ufise intumbero yo kwigisha gucungera ubuzima bw’abantu biciye mu gufungura neza. Kugira abantu bashobore gufungura hakenewe kurima no kwimbura imboga hamwe n’ivyamwa, ibi navyo bikarimwa mu mirima kijambere ku mashule no mu ngo . Amashule…

Details

KUGWANYA INGWARA Y’UMUTIMA MU BUGANDE : «URUGENDO RW’UBUZIMA» RWAFASHIJE MU GUTERA HAFI IVYAMWA BIRENGA 12.000

Umugambi  Urugendo rw’ubuzima mu Bugande uherutse kumenyesha yuko washoboye gutera ibiti vy’ivyamwa birenga 12.000 muri ico gihugu. Ivyo biti vy’ivyamwa vyatewe muri wa mugambi rusangi «Tugwanye indwara y’umutima mu gutera ivyamwa». Uwo mugambi ufise intumbero yo kwigisha abanyagihugu bo mu gihugu c’Ubugande hamwe n’ibindi bihugu nk’Uburundi ivyaranguwe n’ubushakashatsi bwa Muganga Dr. Rath n’umurwi bakorana. Ubwo…

Details

UMUGAMBI WO GUTERA IVYAMWA WARANYUZE BIMWE BIBONEKA AMASHULE ASHIKA

Amashule ashika 50 yaranyuzwe n’umugambi wo gutera ivyamwa mu gihugu c’Ubugande . Uwo mugambi watangujwe muri Ntwarante 2015 ukaba ufise ingingo yo gutera ivyamwa , imboga , imiti y’ikirundi mu kurwanya ingwara y’umutima. Uwo mugambi urongowe na  Gyavira Mwesige, mu gihugu c’Ubugande ukigisha abanyagihugu ubuhinga bwo gufungura neza kandi imfungurwa ngirakamaro. Amashule amwe muri ayo…

Details