Ubuzima kuri bose kubuntu

Umugambi wacu ugizwe n’intumbero zitandukanye kandi zisenyera ku mugozi umwe.Igice ca mbere “Ubuzima kuri boseku buntu“. n’umugambi ufise intumbero yokurandurana n’imiziindwara biciyemuburyo bw’ubushakashatsi n’ubumenyi. Uburyo bushasha bwa Muganga Rath bushimikiye ku ciyumviro mpindurantwaro mu vyerekeye ubuvuzi aribwotwita mu gifaransa «Médecine Cellulaire» bushingiye ku nyifato yuko kudafungura ubwoko bukwiye bw’infungurwa ari yo ntandaro y’indwara zose zigeramiyeubuzima bw’abantu.

Muganga Dr.Rath ashingiye ku bushakashatsi mu vyerekeye ubuzima bw’abantu avuga ati:birashoboka ko indwara z’umutima, kanseri, ingwara y’igisukari ariyo diabeti n’izindi ndwara zidakira zishobora kuzimangana mu rwaruka ruzaruka muri kazoza. Muri kino gihe ariko , ubwo bushakashatsi bufashwe mu kanigo n’amashirahamwe ya rutura akora ya miti y’ikizungu y’ibiyovyamagara(molécules synthétiques) yemewe na leta zitwara muri kino gihe .Iyo miti y’ikizungu ifise ingarukambi ku buzima bw’abantu nkuko benshi muri mwebwe babizi.

Mu myaka 25iri imbere yacu twifuza yuko indwara zidakirazogabanuka bimwe biboneka ugereranije no muri kino gihe. Ingingo nyamukuru n’ukuzirandurana n’imizi ntizibe zigisubira kuvugwa.Kugira ngo ivyo tubishikeko , dutegerezwa guhindura na ntaryo ingene ivyerekeye infungurwa biteguwe mu kurwiza infungurwa nziza kandi zibereye . Ibi bivuga yuko imigenzo mibi mu vyerekeye infungurwa n’imibereho y’abantu bikwiye kuranduranwa n’imizi.

Hamwe uwo mugambi woshirwaho vyotuma ama Leta akingira ubutunzi bw’ibihugu n’umusaruro wavyo ungana n’imiliyaridi nyinshi mu mafaranga y’agaciro . Ku bwacu twakiranye igishika Leta zose zizifuza gukorana natwe gushira uwo mugambi mu ngiro. Twaramaze gutangura gukorera mu mashule na cane cane mu bihugu vy’afrika. Ico gicapo kiri hejuru cerekana abana bariko barakurikira icigwa muvyerekeye amagara y’abantu mw’ishule muriAfrika mu gihugu c’Ubugande.Mu myaka izokurikira imbere, hamwe twoshika kuri uwo mugambi , bizotuma amafaranga n’inguvu vyahora bikoreshwa, birungikwa mu yindi imigambi ikomeye ishobora guteza imbere abanyagihugu n’igihugu cabo.