Umugambi wacu «Urugendo rw’ubuzima» mu gihugu c’ubugande uguma utera imbere mu bihugu. Uwu mugambi watanguye mu mwaka wa 2015, ukaba ufise intumbero yo kwigisha gucungera ubuzima bw’abantu biciye mu gufungura neza. Kugira abantu bashobore gufungura hakenewe kurima no kwimbura imboga hamwe n’ivyamwa, ibi navyo bikarimwa mu mirima kijambere ku mashule no mu ngo . Amashule ashika 50 aramaze kwitaba uwo mugambi, hakaba hamaze guterwa ibiti bishika ibihumbi 12.000. Hafi abantu bashika ibihumbi 100.000 bo muri ico gihugu baraharonkeye akunguko. Iyo ntambwe yashobotse kubera inyigisho yatanzwe mu mashule. Inyigisho ihabwa abakiri bato irahambaye rero kugira ibintu bishobore guhinduka mu gihugu.

Igiterwa c’inanasi kirariha amafaranga y’ishule

Atukwasize Daniel afise imyaka 9 akaba ari umunyeshule mw’ishule ry’intango i Kyonyo mu micungararo y’intara Rwampara,  mu buraruko bushira uburasirazuba bw’Ubugande. Daniel Atukwasize n’umwe mu bagize Inama Nshingamateka y’amagara y’abantu mw’ishule ryiwe, akaba yaramenye akamaro ka vitamine C mu kurwanya ya ngwara y’umutima hamwe n’izindi ndwara zigeramira amagara y’abantu.

Ivyo yize vyaciye bimutuma arima icamwa c’inanasi muhira iwe. Yaciye arondera imivyaro y’inanasi, iyo nayo ikaba imerera hagati y’ibibabi vy’inanasi ikuze. Yaciye atera imivyaro ishika nka 50.

Umuvyeyi wa Daniel yaciye abona yuko ico gikorwa c’umwana wiwe giteye igomwe aca aramufasha kwagura umurima. Uwo murima urimwo muri kino gihe inanasi zishika ibihumbi 10.000. Uwo murima winjiza mu muryango hafi amadollars 50 ku ndwi. Ivyo vyatumye abavyeyi b’uwo mwana Daniel bariha amafaranga y’amashule y’abana 5.

Umurima w’itomate, n’amabungo, ukworora inzuki vyararahinduye ubuzima vy’umuryango.

Amanya Emmanuel nawe afise imyaka 10 akaba yiga kw’ishule Light Junior School mu ntara y ‘Isingiro, mu burengerazuba bw’Ubugande . Amaze kuba umunywanyi w’Inama Nshingamateka y’ishule ku vyerekeye amagara y’abantu yaciye atera imivyaro y’itomati 500 hamwe n’amabungo ashika 50 . Yaciye yihutira kurondera ibitiba vy’inzuki bishika 9.

Mu myaka izoza umunyeshule Amanya Emmanuel yifuza kugira umwimbu mwinshi womutuma afasha gusumba umuryango wiwe.Yifuza kandi no gutangura kworora ingurube. Amaze imyaka cumi, ariko arahindura ubuzima bw’umuryango wiwe wose.

Umurima w’amabungo warshoboye kuriha amafaranga y’ishule

Namuga Shanura n’umunyeshule wo kw’ishule y’intango ya  Bishop Stuart Demo, mu bumanuko bushira uburengerazuba bw’igihugu c’Ubugande. Nkuko vyagenze mu yandi mashule yitavye umugambi wacu iryo shule Bishop Stuart Demo n’umunywanyi akomeye wa rya sekeza «Turwanye ingwara y’umutima mu gutera ibiti». Uwo mugambi wigisha abantu yuko indwara y’umutima iva ku kubura vitamine C mu vyo dufungura.

Namuga Shanura, n’umwana w’impfuvyi akaba abana na se wabo akaba mu gacimbiri ka Kakoba mu gisagara ca Mbarara. Na wenyene afise umurima w’amabungo. Yatanguranye imivyaro itarenga 54 akaba yayihawe n’Inama shingamateka y’amagara y’abantu mw’ishule yiwe. Muri iyo nama Nshingamateka baramwigishije yuko amabungo ari isoko ntangere rya vitamine C. Yaciye yijukira gutera amabungo.

Imbere yuko Sewabo wa Namuga Shanura yijukira gutera icamwa c’amabungo n’amatunda, vyaramugora cane kuronka amafaranga y’ishule, ariko kuva aho umugambi “Urugendo rw’ubuzima” rutanguriye kumufasha gutera ivyo vyamwa, uwo murima uramuzanira amafaranga menshi gushika naho kubura amafaranga y’ishule bisigaye ari igitito.

Nimba izo nkuru zibashitse ku nyota , murafise uburenganzira bwo kudufasha kugira natwe tubandanye gufata mu nda abantu benshi muri ico gihugu c’Uburundi, n’ibindi bihugu bibonereho bivome ubumenyi mu gihugu cacu. Uburundi burashobora kubera akarorero ibindi bihugu bikiri mu nzira y’amajambere.

Donate