Isekeza ryacu «Turwanye indwara y’umutima ; dutere ivyamwa» rifise umugambi wo kwigisha ubumenyi bufatiye ku bushakashatsi bwatangajwe na Muganga Dr. Rath . Ubwo bushakashatsi bwerekana yuko indwara y’umutima itewe ahanini nuko umubiri (uduce tw’umubiri ngirabuzima bita serire mu gifaransa) tutaronswa infungurwa zikwiye zimwe bita vitamine , viyo bigatuma utwo duce tubura nka vitamine C n’izindi zikomeye. Ivyamwa n’isoko ntangere rya vitamine c . Ibi bisigura yuko ugutunganya imirima y’ivyamwa bishobora gukingira abantu indwara zitandukanye !
Ibiharuro bishikirizwa n’Ishirahamwe Mpuzamakungu mu vyerekeye amagara y’abantu birerekana yuko indwara y’umutima ariyo iza ku rutonde rwa mbere muzitikiza inganda : mu mwaka wa 2016 iyo ndwara yagize inkumbi hafi abantu imiliyoni 17 n’ibihumbi 900 kw’isi n’ukuvuga hafi ibice 31% vy’abantu bapfuye muri uwo mwaka wa 2016. Harakenewe rero yuko hashirwa mu ngiro ingingo zihuta zo gutuza iyo ngwara .
Ishirahamwe OMS rijejwe gucungera amagara y’abantu ryemeza yuko akarwi gatoya cane k’abantu ariko karonswa ibifungurwa bikwiye bituruka mu vyamwa . Ntibitanganje rero yuko, nkuko bimeze mu bihugu vyitwa yuko bimaze gutera imbere iyo ndwara y’umutima ariyo yisasira inganda gusumba izindi kw’isi, ikagira abandi indembe canke ibimuga.
Mu gihugu c’Ubugande twateye, mu mwaka wa 2014, ivyamwa bishika 12.000 mu mashule no mu miryango. Turemeza yuko umwimbu w’ivyamwa muri ico gihugu wagiriye akamaro abantu batari bake muri ico gihugu . Muri kino gihe turiko turakwiragiza ivyamwa mu bihugu bitari bike muri Afrika , haba mu mashule , mu bigo vy’amavuriro canke mu mazu y’amabohero.
Isekeza « Turwanye indwara y’umutima : dutere ibiti » irafise isano rikomeye na ya migambi «Ubuzima bwiza kuri bose “ Infungurwa zikwiye kuri bose ku buntu” .

Turwanye ikiza ca Korona dukoresheje ingaburo
Ibibazo n’inyishu ku vyerekeye indwara y’ibihara mpox

Mugize iminsi mwumva ingene indwara bitiriye “variole du singe” ( indwara y’ibihara vyamuka ku nguge) yigize ndanse. Muri runo rwandiko twagira tubahe ido n’ido ku vyerekeye iyo ndwara . Nico gituma twabateguriye ibibazo n’inyishu vyobafasha kuyikingira.
Indwara ya mpox canke variole du singe( ibihara vy’ivyunguge) n’iki?
Nkuko ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu ribishikiriza , indwara y’ibihara vyamuka ku nguge canke “mpox” , iri jambo rikaba ryamuka mu rurimi rw’icongereza(monkey pox) iri mu bwoko bw’umugera Orthopoxvirus . Muri ubu bwoko harimwo ibihara bisanzwe bifata abantu na cane cane abakiri bato.
Iyo ndwara iboneka gute ku mubiri?
Iyo ndwara yibonekeza ku biturika vyaduka ku rukoba, mu maso , ku ntoke no ku maguru. Irashobora no kwiyadukiza ku bihimba vy’irondoka.
Iyo ndwara yandukira gute?
Abahinga bamenyesha yuko iyo ndwara yandukira biciye mu maraso canke iyo umuntu yegeranye cane n’ibikoko . Aho rero twokwiyumvira nko mu gihe umuntu yakomeretse ayigwaye , ashobora kuyanduza uwundi canke iyo akoresheje ivyuma vyanduye uwo mugera . Hariho rero n’ubundi buryo bwo kwandukira , na cane cane biciye mu cuya c’umuntu yanduye iyo ndwara . Abahinga barongera bakemeza yuko ata cemezo na kimwe kihari yuko iyo ndwara yandukira biciye mu bihimba vy’irondoka. Ariko rero aho n’ukuhagabira kuko kenshi imigera nkiyo irashobora kwandukira kubera udukomere duto duto dushobora kwaduka biciye muri ivyo bice. Noneho na kare iyo ndwara iriyadukiza biciye mu cuya . Ku bwanje rero mwokwirinda gukora amabanga yo kwabirana n’umuntu afise iyo ngwara.
Mwokwingira iyo ngwara gute?
Mu bisanzwe nta muti uhari . Ariko ingingo nyayo yokwingira iyo ndwara , n’ukugira isuku , mukirinda gukoresha utwuma dukomeretsa canke twakoreshejwe n’abandi banti bashobora kuba baranduye . Iyo ibituruka bimaze kuboneka naho , nukubireka bikuma kandi ntimubimene . Abahinga batumenyesha yuko hoba hariho urucanco rwemejwe kuva mu mwaka wa 2022 , rushobora gutuma abantu bikingira uwo mugera. Urwo rucanco rwitwa “ tecovirimat” .
Iyi nkuru muyitegurirwa mukayishikirizwa n’ikigo MOL_Burundi. Iki kigo gifashwe mu mugongo n’ishirahamwe ritagwanira inyungu rya Muganga Dr Rath mu vyerekeye amagara y’abantu (Dr Rath Health Foundation) rikaba rifise icicaro mu gihugu ca Hollande . Ikigo Dr Rath Health Foundation gifasha abarundi hamwe n’abantu bose kw’isi kwiyungunganya mu kugwanya indwara, gushikira uburimyi hamwe n’ubworozi hamwe no gushikiriza inyigisho ijanye no gukingira ibidukikije , ivyo vyose bikaba bifatiye kwiterambere mbonakazoza. Mukeneye ico mushikiriza kuri iyi nkuru , ntimutangwe kudutera akamo mukoresheje uwo murongongurukanabumenyi “info@urugendorwubuzima.bi”