Twidondorane

Urugendo rw’ubuzima n’umugambi udaharanira inyungu kw’isi yose uhimiriza abantu kurangura imigambi ijanye no gukomeza amagara y’abantu, ivyerekeye infungurwa , amazi meza, amasoko ntanganguvu abereye, ubumenyi n’akazi.
Uwo mugambi uraba isi yose kandi ukaba ushigikiwe kandi washinzwe n’ikigo ca Muganga Dr. Rath mu vyerekeye ubuzima bw’abantu arico “Fondation du Dr. Rath Pour la Santé” mu rurimi rw’igifaransa, ufise intumbero yo kurandurana n’imizi indwara dukoresheje ubushakashatsi, kurandura burundu inzara , kuronswa amazi meza , umuyagankuba biciye masoko ntanganguvu yubahiriza ibidukikije, kurwanya ukutamenya n’ubushomeri kw’isi.

Naho uwo mugambi ufise intumbero yo gukorera kw’isi yose, ibihugu bikiri mu nzira y’amajambere biri mu bihugu biwukeneye gusumba ibindi, gutryo bikareka kuzera inze ku bihugu vyisununuye bifatanije n’amashiramwe ya rutura kenshi usanga bikoresha infashanyo bitanze nk’ibigwanisho. Mu ncamake uwo mugambi wigisha abantu kwifasha .
Intumbero yacu n’ukwereka abantu inyifato n’uburyo bukwiye mu vyerekeye imibereho y’abantu , hanyuma bakabikwiragiza ku bandi babikeneye na cane cane biciye mu nyigisho mu mashule zifatiye ku bumenyi.