Ikinyoma, ububeshi bimeze nk’umuntu afashe ca cuma kiduza abantu n’ibintu mu mazu maremare bita ascenseur mu rurimi rw’igifaransa, biranyaruka gushikira abantu kugira bimenyekane. Ukuri gufata ingazi n’ukuvuga yuko gushika gutevye, ariko gushika ari kwose atakivuyeko. Iyo ikinyoma gitowe yuko ari co, kimera nk’ibarafu kuzuba canke mu mucanwa: kirazimangana uwagishikirije nawe agasigara ari ikimaremare mu bandi.
Ijambo tugira tubashikirize, benshi mu Barundi ntibararyumva, kandi ntimwibaze ngo nuko, kuri bamwe bamwe muri mwebwe mwoba mudatahura indimi zo mu mahanga, haba namba nagato. Hariho abantu isinzi mu bavuga indimi zo hanze haba icongereza , igifaransa , ikidagi , igishinwa n’izindi ndimi, batarumva ico tugira tubashikirize.
Inkuru twazindutse tubashikiriza yerekeye amagara y’abantu, amagara yanyu, amagara yacu twese. Umubiri wacu ugizwe n’iki ? Ukora gute? Muri iri jambo turabacira ku mayange ibintu bimwe bimwe mutari bwumve. Kumbure muraza gutangara cane, canke bamwe bamwe muri mwebwe mugire akangonongono. Ivyo birumvikana kuko abantu twese niko tumeze iyo twumvise inkuru tutari bwumve: turagonanwa kwemera ivyo twumvise, rimwe na rimwe turanabirwanya, ariko birashika aho duteba tukavyemera . Inzira ukuri gufata imera nk’inzira yandikwa n’inzoka, igenda irandika umunani nka kumwe babivuga ariko irateba igashika.
Umuntu yaremwe n’Imana canke yavuye mw’ivu?
Hareheze imyaka idaharugwa abantu bambere baba kw’isi.Kahise kanditswe mu bitabo ntikatubwira neza bimwe bitomoye igihe umuntu wa mbere yatanguye kuboneka n’intaraa yabayemwo.Abahinga benshi bavuga yuko umuntu wa mbere yoba yamuka muri Afrika kandi ngo ntiyasa nuko asa muri kino gihe.
Bamwe bamwe muri mwebwe bibaza yuko umuntu yaremwe n’Imana, ngo ari Adamu na Eva , ivyo ni bibiliya ibivuga. Umuntu wese muri mwebwe arafise rero ico abivugako , ivyo navyo n’uburenganzira bwiwe. Ariko ivyo nifuza kubashikiriza s’ivyo. Ico nifuza yuko dufatirako n’ingene umuntu avuka agakura akongera akitaba Imana. Nico gituma nagira ntangure kwibaza ibibazo hanyuma turonderere inyishu hamwe.
Iyo umuntu amaze kuvuka , akura gute , apfa kubera iki, apfa ryari?
Umuntu wese muri twebwe arashobora kwishura ivyo bibazo yiyumviriye neza. Ego me yiyumviriye neza! Ku nkaba nkako hariho abashaka kwemeza yuko umuntu avuka agakura kubera yoba afata imiti imiti y’ikizungu, imwe dukura mu buguriro bw’imiti aribwo pharmacie mu gifaransa?
Munkundire twiyumvirire hamwe ico kibazo kuko kirahambaye kandi gikeneye inyishu itomoye.
- Imiti y’ikizungu nkuko tuyizi muri kino gihe, imwe mugurira muri za pharmacie, ntaco ipfana n’imiti yakoreshwa na ba Sogokuru, abazungu bataraza mu Burundi. Akarorero twotanga ni iyo umuntu akomeretse yararondera igiterwa citwa icanda akarivuguta agaca akanyira amazi avuyemwo ku gikomere, caca cuma. Iyo umuntu ariko arababara mu nda, baramukanyira igiti citwa umuravumba akanywa, kenshi yarakira. Ariko rero si bose bakira kuko ntabuhinga bukomeye bwari buhari bwo gushobora kumenya neza igituma umuntu ababara mu nda canke ahandi, ni naco gituma hariho bamwe bamwe bakira n’abandi bahasiga ubuzima, abandi nabo bakagumana ubwo bubare igihe kitari gito.
Abantu batohoje ibintu n’ibindi baremeza yuko no mu bazungu ibintu vyagenda gutryo nyene . Akarorero ni nk’abantu bagwara imibembe. Imbere yuko umuhinga Gerhard Armauer Hansen w’umunya Norvège yatora umugera utera iyo ndwara y’imibembe mu mwa 1873, uwo mugera nawo ukaba witwa Mycobacterium leprae, hariho abantu bibaza yuko iyo ndwara yari umuvumo . Muri Bibiliya mu kigabane ca “Lévitique” baremeza yuko indwara y’imibembe yoba yari indwara yafata abantu bavuga urusaku, bagenda barasiba abandi, mu rusangi abantu badatyoroye, bemeza yuko ububi bwo ku mutima ngo bwaca bwaturira ku mubiri.

Isoko : Wikipedia. Uwo musore yitwa
Arran Reeve, akaba yari afise imyaka 24 ico gihe
indwara y’imibembe yamwandukira
Ubu turazi neza yuko indwara y’imibembe ataco ipfana n’ukutemera Imana, canke umuvumo uwo muntu afise. Turazi neza yuko iterwa n’umugera.
- Ariko tugaruke gatoya mu Burundi twihweze neza ingene ibintu vyagenda kera. Abatari bake muri twebwe muramaze kwumva yuko hariho mu Burundi kera ba Rumenyi, eka n’ubu turabumva rimwe na rimwe ngo boba bariho kandi hariho abantu babagendera. Abo rero barimwo imice kubiri : hariho abavuza imiti y’ikirundi n’abandi bigira “kabizi” bakoresha ibintu tutumva canke bimwe bita ibitega canke ibintanzi. Ibi rero nta kamaro ko kubirandirako . Ico twokwemeza nuko imiti y’ikirundi canke imiti kavukire nkuko bamwe bayita irabaho mu bihugu vyose vyo kwisi kandi irashobora gukiza. Kanatsinda tuyisanga mu bihugu nka vyose vyo kw’isi haba mu bushinwa, mu buhindi, ubuyapani n’ahandi henshi bari bafise uburyo bavura abanyagihugu babo ubuvuzi bw’ikizungu butaraza.
- None imiti y’ikizungu yaje ryari? Muri Afrika, mu Burundi no mu bindi bihugu bitari bike ikibazo c’imiti y’ikizungu yazanaye n’abazungu igihe batangura intwaro ya gikoloni. Igihe abo banyamahanga bashika baciye batangura gukwiza ingeso zabo, uburyo bakoresha, ivyo vyose bikaba vyaciye biba ingendo mu bihugu vyinshi vy’Afrika, gushika no ku rurimi abantu bakoresha. Ninaco gituma muri kino usanga ibihugu vyinshi vyo muri Afrika na cane cane bikoresha mu nyandiko mu mashirahamwe ya leta, mu bigenga tutibagiye n’amashule mato, ayisumbuye na kaminuza indimi zo mu mahanga nk’icongereza, igifaransa n’izindi. Ndetse hariho n’amashirahamwe ya leta canke amahinguriro akoresha ururimi rwa ba kavamahanga nka OBR, ishirahamwe rigenga ivy’amakori n’amatagisi muri BRB , ibanki ya republika y’uburundi n’ayandi mashirahamwe, ururimi rw’ikirundi ntiruhavurwa mu nyandiko. Mu bihugu bimwe bimwe vyo muri Afrika, abatwara baramaze kubibona yuko ivyo bikwiye guhinduka, nivyo indimi nyinshi zo mu mahanga ziracakoreshwa ariko n’indimi kavukire ntizibagiwe. Aho twovuga nk’ibihugu bibanyi vyo mu Rwanda, Tanzania n’ahandi. Mu Rwanda ku murongo ngurukanabumenyi w’amatagisi https://www.rra.gov.rw/ hakoreshwa icongereza , igifaransa , n’ikinyarwanda. Muri Tanzania hakoreshwa icongereza n’igiswahili. Hariho ibihugu bindi , muri ivyo hakaba harimwo n’Uburundi , Republika iharanira Demokarasi ya Kongo (RDC) bikoresha igifaransa conyene nkuko umengo nta rurimi kavukire rwoba ruhari. Imiti y’ikizungu iri mu rutonde rw’ivyazanywe nabo ba kavamahanga.
Amashirahamwe y’imiti, nkuko tuyazi muri kino gihe, amaze hafi imyaka itarenga 100. Mu nyandiko tuzobashikiriza mu minsi izoza tuzobabwira ido n’ido ingene yavutse n’intumbero afise. Benshi muri mwebwe bibaza yuko ari amashirahamwe yo kutuzanira amagara meza. Abahinga bamaze kubitohoza neza bibaza yuko ayo mashirahamwe ataco ataniye n’ayandi tubona: arondera inyungu gusa. Ariko ico adasangiye n’ayandi mashirahamwe nuko ashigikiwe n’amaleta yose yo kw’isi, ikindi naco gihambaye nuko ariko ariyo nyene yishingira amategeko ayigenga. Hariho n’ikindi kintu gikomeye twobashikiriza imbere yuko tubandanya, umuntu ntagira amagara ameza ngo nuko yanyoye imiti myinshi kandi ifise amakari menshi , ubushakashatsi burerekana neza bimwe bitomoye yuko abantu badafata imiti ariboo usanga bakomeye gusumba abayifata. Nivyo nyene tuzobigaruka mu bindi biganiro bizokurikira.
Kugira dutahure neza ivyerekeye amagara y’abantu hinge turabire hamwe ingene umuntu akura agashika mu bigero.
None umuntu akura gute ?
Umuntu aravuka, agakura , akongera akitaba Imana. None gukura bivuga iki ? Imbere yuko twishura ico kibazo hinge tubanze twibukanye ikigize umubiri wacu. Ubuvuzi bw’abazungu bukoresha imiti y‘ikizungu (Médecine allopathique)buvuga ngo umuntu agizwe n’ibice vy’umubiri binini binini bimwe twitwa organes mu gifaransa : aho tuvuze umutima , amahaha, umushishito, umutwe canke ubwonko, igitigu, amara n’ibindi vyinshi . Hariho n’ibindi bice bihambaye nk’igikankara(squelette).
Hariho n’abandi bahinga bavuga bati (Ubuvuzi bufatiye ku duce ngirabuzima), umuntu agizwe ahubwo n’uduce ngirabuzima, utwo duce natwo tugaca tugira ibihimba vy’umubiri. Aba bahinga bati umubiri wacu ugizwe n‘uduce ngirabuzima kandi twose tukaba dufise kamere kamwe, dukuyemwo uduce ngirabuzima two mu bwonko twishangije kamere. Utwo duce twose tumeze co kimwe kandi dukora co kimwe. Muri kamere katwo uduce ngirabuzima aritwo cellules mu gifaransa turavuka, tugakura hanyuma tugapfa. Uduce tudapfa ni tumwe tugizwe na kanseri, ibi navyo tuzobigaruka mu kindi gitabu. Nimba mwifuza kumenya ivyerekeye kanseri twobahanura gusoma igitabu canditswe na Muganga Dr. Rath musanga kuri uwu murongo ngurukanabumenyi.

Uduce ngirabuzima two mu mubiri dufise kamere kamwe. Amagara meza, co kimwe n’indwara bifise inkomoko mu duce ngirabuzima.
Nkuko mubibona rero umubiri wacu ugizwe n’uduce ngirabuzima , utwo duce ngirabuzima natwo tukaba aritwo tugize ibihimba vy’umubiri nkuko mubibona kuri ico gicapu kiri hejuru.
Ubu naho turabire hamwe ikigize agace ngirabuzima kamwe kamwe.
Twogereranya agace ngirabuzima n’igisagara cigenga: hariho amashirahamwe yo guhingura umuyagankuba nka Regideso(mitochondrie), hariho amashirahamwe yo gukora ibindi bidandazwa vya nkenerwa nk’agace ka golgi kajejwe gushingura gutwara ibintu n’abantu, ndetse hariho n’igisata c’intwaro (Musitanteri= icicaro=noyau) ajejwe gutunganiriza bose haba muvy’amategeko canke ubuzima bwa minsi yose. No mu mubiri ibintu bigenda gutryo, ariko mu mubiri bitunganijwe neza gusumba. Iyo bishitse naho hakaba ingorane , indwara zica zaduka.
Iyi sanamu mubona munsi irerekana neza ingene dushobora kugereranya igisagara n’agace ngirabuzima, iyo kimwe muri ivyo bisata bidagakora neza vyose bica , igihimba c’umubiri ntigikora neza , eka n’umubiri wose muri rusangi ntusubira gukora neza.
None uduce ngirabuzima dukura inguvu hehe?
Uduce ngirabuzima dukura inguvu mu mfungurwa za minsi yose turonka . Ivyamwa n’imboga biri mu masoko ahambaye ya vitamine n’ivyunyunyu bindi nka acides aminés , n’utundi duce ngirakamaro ku mubiri. Hamwe ivyamwa vyozimangana kw’isi nta buzima bwosubira kubaho, eka n’ibikoko vyose vyoca bizimangana
Hinge tubahe akarorero ka vitamine dusanga mu biterwa abarundi birimira. Muri kino ibiraya, ibijumbu , ibitunguru sumu ivyamwa n’ibiterwa bishobora kurimwa mu ngo zose zo mu Burundi . Mu biraya dusangamwo vitamine C, B1, B2, B3, B6, mu bijumbu dusangamwo cane cane vitamine E. Iyi vitamine E iri mu ma vitamine yirukana ubumara bwo mu mubiri bumwe bita radicaux libres mu gifaransa . Mu vyamwa dusangamwo cane cane vitamine C n’uduce duhambaye twitwa polyphénols
Mu ncamake turabise uburyo bwo kurima no kwimbura imfungurwa zose zikenewe ku mubiri wacu kugira uduce ngirabuzima tubandanye dukora neza, ibihimba vy’umubiri bibonereho , gutryo tubandanya tugira amagara meza.
Ariko rero ni twaheza kwimbura ivyo biterwa twongere tubifungure . Ku nkaba nkako turumva kandi turazi neza yuko abantu bamwe bamwe mu bageze mu zabukuru bavuga ngo imfungurwa zimwe zimwe zigenewe abana . Aho twovuga n’ivyamwa canke ibintu bisosa. Aho turakwiye kuhagabira. Mu bihugu bitunze vya bulaya, hoho ivyamwa nk’imihwi , imyembe , ipapayi , avoka n’ibindi , abantu babirondeza uruhindu, ninaco gituma usanga bizimvye. Ivyo rero turavyifitiye muri Afrika no mu Burundi.
None bigenda gute iyo uduce ngirabuzima tutaronse imfungurwa zikwiye?
Kugira tubashe kubasigurira neza mu buryo butomoye ingene abantu batamenya yuko bataronse ingaburo zikwiye biva ku bintu ngingo zitatu:
- Ubwa mbere , abantu ntibaronka inyigisho zikwiye kugira bamenye ibiterwa basangamwo ingaburo zihagije n’izindi atazirimwo. Ninaco gituma hakwiye gushirwaho inyigisho -guhera mu mashule y’intango- yotuma abanyeshule bamenya ibiterwa bitanga ingaburo umuntu akeneye n’ingene bobirima. Kuri ivyo harakwiye gutunganywa mu mashule yose, yaba amashule matoya canke ayisumbuye imirima y’akarorero boshobora gutunganiriza mwo ibiterwa bishasha canke bisanzwe bizwi kandi bikarimwa ku buryo bwa kijambere hakoreshwejwe uburyo bushasha bwo kwimbura neza kandi vyinshi kandi hagakurikizwa ugukingira ibidukikije. Ibi navyo tuzobigarukako mu kindi kigabane.
- Ica kabiri turakwiye kuvavanura n’inyifato zimwe zimwe za kera zivuga ngo kirazira yuko umuntu akuze afungura ibisosa canke ivyamwa, ivyo ntibijanye n’ingendo ya none. Ahubwo ivyamwa birimwo ingaburo zihambaye ku buzima bw’abantu ninaco gituma dukwiye kubishigikira. Murazoraba neza, ku mirwa mikuru y’intara canke mu ma misiyoni amwe amwe hariho imirima y’akarorero usanga hariho imicungwe, ibitoke, amavoka n’ibindi. Ico n’ikimenyamenya yuko ivyo biterwa bifise akamaro gahambaye ku magara y’abantu. None imiryango yo mu Burundi ibuzwa niki gukora gutryo?
- Iyo umuntu afunguye ibifungurwa bitarimwo ingaburo zikwiye bimwe bita vitamine hamwe n’ibindi vyunyunyu ngirakamaro, ntavyo amenya, kuko nta gakengeri kamubwira kati”nyabuna nta vitamine B” wafunguye. Umuntu amenya gusa yuko anyotewe canke ashonje, ntamenya yuko yaronse ingaburo zidakwiye canke zikwiye. Kuri ibi twarabateguriye amasanamu ashobora gusigurira cane cane abakiri bato kuri uwo murongo ngurukanabumenyi . Fyonda ngaha muca muvyisomera mwongere muvyumve . Twosaba yuko mwovyumvisha n’ibibondo vyanyu kugira bikure bifise ubu bumenyi buhambaye.
Ibi birajanye rero n’ukuronka inyigisho ngirakamaro mu mashule, gutryo rero iyo nyigisho igashobora gukwira mu ngo no mu miryango. Hamwe abarundi bose bokwitaba uwo mugambi, barashobora kwimbura imfungurwa z’umusesekara gushika naho bashobora kuwugurisha mu bihugu vyo hanze bakaronka amafaranga y’agaciro. None umuntu yosigura gute ingene igihugu c’ubuhollande cimbura urugezo rw’imboga rusumba urwibindi bihugu vyo mu karere ka Bulaya? Twobamenyesha yuko gihugu c’ubuhollande gisumba gatoya gusa igihugu c’Uburundi.
Ubukene bw’ingaburo niyo nkomoko y’indwara zizwi muri kino gihe.
Nkuko muhejeje kuvyibonera mw’isanamu iri hejuru, umuntu wese arashobora kumenya yuko anyotewe, iyo abuze impwemu, canke iyo ashonje. Ariko iyo afunguye imfungurwa zikenye ingaburo za vitamine n’ibindi vyunyunyu ngirakamaro nta mburizi nimwe aronka yomutuma ahindura ingendo. Iyo niyo ngorane ya mbere ituma amagara yacu abandanya atituka natwe tugashira agati mu ryinyo ngo nta ngorane ihari. Ninaco gituma rero dukwiye kwitwararika ibintu bibiri: ivyo dufungura, niyo vyavuye. Kukaba nkako muri kino gihe dusigaye tubona imfungurwa z’ubwoko bwinshi zivuye mu bihugu bitandukanye ariko amakuru turonka ku buryo izo mfungurwa zarimwe,niyo zavuye, yuko hoba harakoreshejwe ifumbire yubahiriza abantu n’ibikoko, canke yuko hoba harakoreshejwe wa mwavu w’ikizungu ufise inkurikizi mbi ku magara yacu, ayo makuru tuyaronka ku rushi. Murumva rero, nivyo imfungurwa zirakenewe ariko dukeneye imfungurwa zirimwo ingaburo zogirira akamaro amagara yacu. Nta mfungurwa zirimwo ubumara dukeneye.
Ubu burorero bubiri mubona kuri iyi sanamu yo hejuru burabasigurira yuko uduce ngirabuzima two mutima tugira ingorane yo kuronka umurindi w’umutima ubereye canke izindi ndwara z’umutima, iyo tutaronse ingaburo zikwiye . Indwara z’umutima ziza ku rutonde rwa kabiri mu ndwara zica abantu benshi mu bihugu vya bulaya inyuma y’indwara ya kanseri.
Ubukene bwa vitamine n’ibindi vyunyunyu burongera bukaba inkomoko y’ukugoyagoya kw’abasoda bacungera umubiri bamwe bita mu gifaransa”globules rouges” . Iyo abasoda bacungera umubiri bagoyagoya bituma indwara zimwe zimwe na cane cane zimwe zandukira zizizira umubiri w’umuntu. Muri ico gihe n’imiti irasendwa, ntaco iba igishoboye.
Ibi biterwa turiko turandodagura mubona kuri iyi sanamu n’ivyo Abarundi bose bashobora kwimbura batarinze kubisaba mu bihugu bitunze. Ibi bivuga yuko kazoza k’Umurundi wese kari mu maboko yiwe, hasabwe ugushaka kwonyene k’umuntu umwe umwe wese muri twebwe.
Abarundi barashobora kurandurana n’imizi indwara nyamukuru zigeramiye abantu biciye mu buryo bubiri:
- Gutahura ingene indwara zaduka no kwumza isano ririho hagati y’imfungurwa n’amagara y’abantu
- Kwigisha mu mashule , duhereye ku mashule y’intango ubumenyi bujanye n’ikigabane co gufungura neza no kwimbura imfungurwa zibereye kandi zikwiye.
Nta nkeka nimwe dufise yuko umwe wese ashobora gutahura ubu bumenyi. Kanatsinda duhiriwe duhishije , uno murongo ngurakanabumenyi niwo wambere mu Burundi no kw’isi nzima uri mu Kirundi ku vyerekeye amagara y’abantu. Ubu nta citwazo na kimwe Abarundi bashobora kuronka ngo ibi na birya biri mu rurimi batumva haba mu gifaransa , mu congereza canke urundi rurimi rukoreshwa mu Burundi. Nimba mufise ico muterera ku buryo twokora mu kurwanya inzara , ntimutangwe, nimudutere akamo ku murongo info@urugendorwubuzima.bi .
Umurima wa kijambere usa gutrya
Ikigo ca Muganga Dr.Rath mu vyerekeye amagara y’abantu kiramaze gushinga umugambi uhambaye – Urugendo rw’ubuzima– wo gufasha Abarundi n’Uburundi kurwanya inzara hamwe n’indwara zitandukanye. Ubu bumenyi muhejeje kuronka , hariho abantu benshi bo kw’isi bataraburonswa mu bavuga indimi zo hakurya y’amazi , muri mu bambere baburonse.