Ubuvuzi bwa none bushingiye ku duce ngirabuzima
Ubuvuzi bufatiye mu duce ngirabuzima aritwo bita “cellule”mu gifaransa n’ubuhinga bushasha bwo kuvura bwavumbuwe na Muganga Dr. Matthias Rath, umuganga rurangiranwa yakoranye na wa munyabwenge Dr. Linus Pauling wo muri Leta Zunze Ubumwe z’Amerika, akaba ari mu bahinga bane gusa mu baronse agashimwe kitiriwe Nobel incuro zibiri( Chimie no mu vyerekeye gucungera amahoro kw’isi). None ubwo buryo bushasha bufatiye ku kuki? Mubwibaza gute? Ido n’ido kuri ubwo buryo bwo kuvura bumaze hafi imyaka 20 buzwi na cane cane muri Amerika muzoza murabuemenya uko muzosoma uwu murongo ngurukana bumenyi. Munkundire ndabacire ku mayange kuri ako karoruhore.
Muganga Dr. Rath asigura, afatiye ku vyirwa yararanguye, yuko indwara nka zose mu zigeramiye abantu muri kino gihe ziva ku kubura ingaburo zikwiye mu mubiri zotuma uduce ngirabuzima dukora neza. Izo ndwara nazo n’indwara z’umutima n’imiringoti itwara amaraso, indwara y’igisukari, indwara ya kanseri n’izindi tutarinze kudondagura amazina.
Ubuvuzi bufatiye ku duce ngirabuzima aribwo “Médecine Cellulaire” mu gifaransa buratomora neza yuko uduce ngirabuzima dukeneye urugezo rukwiye rw’ingaburo arizo vitamines n’ibindi vyunyunyu nka acide amine, minéraux n’ibindi, kugira tubandanye dukora neza. Gukora neza bivuga yuko ibihimba utwo duce tugize biguma bikora bidahengeshanya, bikamirira kure indwara. Ninaco gituma ubwo bumenyi twabwise “Ubuvuzi bufatiye ku duce ngirabuzima” .
Ikigo c’ubushakashatsi ca Muganga Dr. Rath gifise icicaro i San Jose muri California, aho naho ni muri Leta imwe mu zigize Ishirahamwe rya Leta Zunze ubumwe z’Amerika , niryo ryavumbuye ubwo bumenyi.
Muganga Linus Pauling, akaba yaronse agashimwe kitiriwe umuhinga Nobel incuro zibiri mu bigabane bitandukanye (Chimie no muvyerekeye gucungera amahoro kw’isi) yavuze ati, ubumenyi bwa Muganga Dr. Rath buri mubizoronga ivyavumbuwe bihambaye gusumba ibindi mu kinjana ca 20.
Ikigo ca Muganga Dr. Rath , kikaba kirongowe na Muganga Dr. Aleksandra Niedzwiecki, PhD muri kino gihe- uwundi mohinga rurangiranwa mu makungu- n’ikigo ca mbere kw’isi mu gutohoza uburyo bushasha bwo kuvura abantu ata ngarukambi zihari, uburyo bufatiye ku ngaburo twese dushobora kuronka.
Nimba mwifuza kumenya neza ingene ubuhinga bufatiye ku buvuzi bw’uduce ngirabuzima bukora, ntimutangwe kudutera akamo. Fyonda ngaha “dutere akamo” tuzobishura tudatevye.