Umugambi “Urugendo rw’ubuzima”mu gihugu c’Ubugande caratanguje igikorwa gishasha icambere catanguwe camaze kurangira . Igikorwa ca kabiri cakoranije abarimyi, abigisha , abubatsi abarongoye abandi ku misozi. Uwo mugambi mushasha ushigiye cane cane imirima y’akarorero kugira abantu bavome ubwenge n’ubumenyi, maze bashobore gushika kuri za ntumbero twamaze gushikiriza: amagara meza kuri bose, akazi kuri bose, infungurwa kuri bose kubuntu.
Uwo mugambi ufise intumbero yo kwigisha abantu kurima imboga n’ivyamwa bishobora gufasha amagara yabo. Uko ibikorwa bizoza biragenda neza, bizotuma bagira umwimbu mwinshi bashobora no kugurisha umusesekara, gutryo bakaronka amafaranga ashobora gutuma bikenura ku bindi bintu vya nkenerwa. Abo nabo bazoshobora kwigisha abandi bafatiye kuvyo baranguye, ivyo navyo bigatuma imibere yaho y’abantu iba myiza kandi itera ija imbere kw’isi yose.
Uwo murimo wateguye wongera urangurwa n’abarongoye uugambi «Urugendo rw’ubuzima. mu gihugu c’ubugande ukoranye n’ikigo ca Muganga Rath mu magara y’abantu “Fondation du Dr. Rath pour la Santé”. Uwo mugambi watanguranye n’imiryango 12 yo mu ntara y’ubumanuko bushira ubuserukirazuba muri ico gihugu. Muri iki gikorwa abantu bashigikiye cane akamaro k’infungurwa n’isano rihari hagati y’ivyo dufungura n’amagara y’abantu mu vyerekweye gukingira ubuzima no kurwanya indwara. Turetse ivyamwa canke imboga, imiryango imwe yarijukiye kworora inzuki hamwe n’ibitungwa, ibi navyo Bizana akanovera,n’akamaro kenshi mu nfungurwa no mibereho muri rusangi.
Ingo zimwe zimwe zarashoboye guhingura za vitamine C zikoresheje ivyamwa vy’imicungwe canke za mandarine. Umwe mu bagize uwo murwi yaranamenyesheje yuko umuvyeyi wiwe yashoboye gukira indwara yo mu magufa bita”amakonyera” ariyo arthrite mu kunywa iyo fu y’ibiti.
Guteza imbere ubumenyi n’amanota ku banyeshule.
Ugufungura nabi vyarigize ndanse mu gihugu c’ubugande. Imiryango myinshi ifungura rimwe gusa ku munsi. Ivyo bifise ingarukambi nyinshi ku buzima bw’abantu. Ariko iyo hageze ku banyeshule bakiri bato biba agahomerabunwa. Iyo abana bashonje bituma badakurikira neza mw’ishule bakaguma bagoyagoya ivyo bigatuma badashobora no gukurikira ivyigwa nkuko bikwiye, nukuvuga yuko baronka amanota mabi n’inkurikizi tuzi ku bumenyi .Infungurwa irafise inkurikizi ku bushobozi b’ubutunzi mu gihugu, kubura infungurwa zikiwiye navyo bifise inkurikizi mbi ku butunzi bw’igihugu. Igihugu c’Ubugande kiri mu bihugu bikenye gusumba ibindi kw’isi, ico gihugu gishobora gutera imbere bimwe biboneka hamwe n’uburyo bwo kuronswa ibifungurwa bugatera imbere. Ibikorwa vyaranguwe n’abahinga b’ishirahamwe ry’ubushakashatsi rya Muganga Dr. Rath ariryo « Dr. Rath Research Institute» rifise intebe muri Leta zunze ubumwe z’Amerika ryarerekanye ingene uguteza imbere infungurwa ku banyeshule bibafasha mu magara yabo no mu mwete mu gukurikirana ivyigwa mu mashule.
Ubumenyi mu mashule burafise isano rihambaye n’uburyo imiryango ifise mu vyerekeye infungurwa: imiryango ifise uburyo ifungurira neza abana, ibi navyo bigatuma abana bamenya mu mashule. Icibonekeza mu gihugu c’Ubugande nuko abana benshi badafise ivyo bafungura, ibi bituma badashobora no gukurikira amashule bimwe bishimishije, kandi abavyeyi nabo nta buryo bafise bwo kubaronsa amafaranga y’ishule. Twibaza rero yuko hamwe abavyeyi n’imiryango bokwimbura vyinshi, bashobora kubigurisha bakaronka ubwo buryo bubuze. Ubwo buhinga twigisha butuma imiryango yimbura vyinshi, ikaronka uburyo bwo kugumiza abana mu mashule.
Buhoro buhoro imiryango yiyemeje gukorana n’uwo mugambi w’iterambere irashobora kugwanya inzara, indwara, ikagabanya ubushomeri, amashule akongera agatera imbere mu gihugu c’Ubugande no muri afrika nzima, canke mu bindi bihugu vyo kw’isi vyose . Turazi neza yuko isi ishobora kumera neza gusumba uko iri muri kino gihe hamwe inzara yotuzwa mu bihugu vyose