Vyanditswe na Doreen Kumwenda Jephtar
Nkibona ubwambere umuhora ngurukanabumenyi « Urungendo rw’ubuzima » nkongera nkihweza ibikorwa biteye igomwe vyaranguwe kw’isi , na cane cane mu gihugu co mu Bugande , naciye ngira nti natanzwe . Nca nkora uko nshoboye kugira ntaguze uwo murwi nkoresheje ishirahamwe ryigenga ryanje “Fondation Emmanuel”. Mfatanije n’umurwi dukorona twaciye turondera imiryango twoshobora gukorana kugira dushobore kurangura uwo mugambi. Intumbero yacu ntabwo yari ukugira amagara meza gusa dukoresheje ivyamwa canke ibintu biterwa ngirakamaro, twifuza no kwigisha imiryango kwimbura ishobore kugurisha umwimbu w’umurengera , gutryo bigatuma abanyagihugu baronka amafaranga bokoresha mu bindi bintu vya nkenerwa.
Uwo mugambi ufise intumbero yo kurondera umuryango mukorana ukawigisha akamaro k’ibifungurwa bishobora gucungera ubuzima bwiza. Tubigisha kwimbura, kurima ibiterwa ngirakamaro bizana umwimbu mwiza, tukwongera tukabigisha uburyo kama ataho buhiriye na bumwe bakoresha ibiterwa canke ifumbire ataco bihuriye n’ibidukikije. Gutryo ivyo bituma umwimbu uba urimwo twa duce nsanganyamubiri twa nkenerwa umubiri ukeneye kandi tutagira ingaruka mbi ku buzima bw’abantu.
Imiryango ikeneye gufashwa no kwigishwa itorwa n’umukuru w’umutumba afatanijwemwo n’uwurongoye umurwi w’umutumba ujejwe imibereho myiza y’abantu n’imiryango. Kenshi usanga imiryango nkiyo idafise uburyo bukwiye bwo gufungura. Mu gihugu ca Malawi igice c’abashomeri ni benshi cane hamwe n’abarondera akazi. Ubushomeri navyo bituma abantu noneho bagira ingorane gusumba gushika naho badashobora kuronka ibifungurwa bikwiye ku munsi. Ingo zatororokanijwe zikaba rero ari ingo z’akarorero ku banyagihugu bose bo muri ako karere. Iyo imiryango idashoboye kuja muri urwo rutonde isabwa gukurikiza akarorero gatanzwe mu ngo zabo.
Bivuye ku mpanvu yuko uwo mugambi ukurikiza iterambere rishingiye ku buryo kama , abawitavye basabwa gukoresha ifumbire ryubahiriza ibidukikije haba mu kurwanya ivyatsi bibi mu mirima canke mu kwivuza . Aho twovuga nka ya miti kama ivuye mu biti dusanzwe tubona canke dukoresha iminsi yose.
Ubukene bufise ingarukambi ku buzima bw’abanyagihugu aho twovuga ukwinubana mu bububatse, inzara, ugufungura nabi, indwara zandukira n’ibindi. Ingorane nkizo ni nyinshi cane mu gihugu ca Malawi. Umugambi wotuma amagara y’abantu amera neza gusumba mu gukomeza inguvu za ba basoda dufise mu mubiri, mu guteza imbere uburyo bw’imiryango mu kwikenura, mu kurwanya ubukene(ubukene akaba aribwo butera uruhagarara mu ngo) , wotuma inyigisho itsimbatara mu ngo, n’amagara y’abantu akaboneraho hose no kuri bose.
Imiryango ishika 7 iramaze kwitaba uwo mugambi umaze guhindura ubuzima bwayo . Iyo miryango yaratunganije imirima , iratera ivyamwa , imboga hamwe n’ivyamwa ngirakamaro ku miti kama. Mu mezi 7 yambere iyo miryango yarashoboye gutera ivyamwa bishika 200, ibiti bizana imboga bishika 700 hamwe n’ibiti vy’imiti bishika 20.
Icifuzo co gushika ku bushobozi bwotuma abantu batazera inze ku mashirahamwe canke ibihugu bitanga infashanyo n’intambwe ikomeye kugira abanyagihugu bashobore kugira ubuzima n’amagara vyiza. Ivyo twabifashijwemwo n’ikigo c’umuganga Dr. Rath mu guhimiriza amagara y’abantu arico « Fondation du Dr. Rath pour la Santé » mu gifaransa. Iki kigo kiradufasha guhindura na ntaryo ubuzima bw’abantu mu gihugu ca Malawi.