Umugambi Urugendo rw’ubuzima mu Bugande uherutse kumenyesha yuko washoboye gutera ibiti vy’ivyamwa birenga 12.000 muri ico gihugu. Ivyo biti vy’ivyamwa vyatewe muri wa mugambi rusangi «Tugwanye indwara y’umutima mu gutera ivyamwa». Uwo mugambi ufise intumbero yo kwigisha abanyagihugu bo mu gihugu c’Ubugande hamwe n’ibindi bihugu nk’Uburundi ivyaranguwe n’ubushakashatsi bwa Muganga Dr. Rath n’umurwi bakorana. Ubwo bushakashatsi burafise ivyemeza bikwiye yuko indwara y’umutima ifise inkomoko ku kubura vitamine mu mubiri na cane cane vitamine C. Ibi bivuga yuko ivyamwa bishora gukiza abantu batari bake.
Mu gihugu c’Ubugande uwo mugambi ukurikiranwa na Gyavira Mwesige, akaba arinawe ajejwe gukurikirana ibikorwa imiryango ishira mu ngiro, ivyo bikorwa navyo bikaba vyigirwa mu mashule yemeye kwitaba uwo mugambi. Uwo mugambi wo gutera ivyamwa muri ico gihugu watangujwe muri Ntwarante 2015. Uwo mugambi ugerageza kwegeranya imbuto zo gutera ivyamwa, n’imboga ariko urateza n’ibiti bakoramwo imiti y’ikirundi. Uwo mugambi urongera ukorohereza abanyeshule mu kubaronsa ubumenyi bujanye n’uburyo bwo kurwanya indwara y’umutima hamwe n’izindi ndwara. Hagati mu mwaka wa 2019, uwo mugambi wari witabwe n’amashule 50. Igihugu c’Ubugande giharurwa mu bihugu 100 bigeramiwe n’ubukene gusumba ibindi. Igice kinini c’abanyagihugu bafungura rimwe ku munsi. Umugambi «Inama nshingamateka y’amagara y’abantu» ufatanije n’isekeza ryo gutera ibiti mu kurwanya indwara y’umutima ufasha abanyagihugu kuronka ubumenyi mu vyerekeye infungurwa zorwanya indwara y’umutima hamwe n’izindi zifatiye ku kubura vitamine n’akamaro kazo mu mubiri . Gutera ibiti bishobora gukiza abantu.
Birihiturwa gukiringira abantu indwara z’umutima
Ikimenyamenya yuko kwikingira indwara z’umutima bibonekera mubiharuro bishikirizwa n’Ishiraahamwe Mpuzamakungu ry’amagara y’abantu (OMS ). Iryo shirahamwe rimenyesha yuko indwara y’umutima ariyo ndwara yica abantu benshi gusumba izindi kw’isi . Mu mwaka w’i 2016 iyo ndwara yishe hafi abantu bashika imiliyoni 18 kw’isi yose, n’ukuvuga ibice 31% kw’ijana vy’abantu basandaba . Ibice 85% kw ‘ijana vy’abicwa n’ingwara y’umutima bivuye ku mutima uhagarara canke ubwonko bufashwe.
Ishirahamwe Mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu rimenyesha yuko abantu bakeya kw’isi aribo baronka igitigiri gikwiye c’ivyamwa . Ntibitanganje rero yuko indwara y’umutima ibandanya yisasira inganda mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere nkuko bigenda mu bihugu bimaze gutera imbere. Abadapfuye nabo baba ibimuga gushika naho bataba bagishobora kwirangurira ibintu bisanzwe vyo mu buzima. Ibice bibiri kuri bitatu vy’abantu bicwa n’indwara y’umutima baturuka mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere canke biriko birisununura gatoya, ibihugu vyinshi muri ivyo bikaba biri mur afrika iri munsi ya Sahara.
Inyigisho y’abantu bajejwe amagara y’abantu muri kazoza
Ingingo yo gutunganya imirima y’ivyamwa muri wa mugambi w’Inama nshingamateka yaragize akamaro ntangere ku banyeshule bawitavye mu gihugu c’Ubugande. Abawitavye baranonosoye ingene bogira infungurwa umuti ku vyerekeye gucungera amagara yabo. Uwo mugambi ntujejwe gusa gutanga imbuto canke kwigisha ubumenyi mu vyerekeye infungurwa mu miryango canke mu mashule, uwo mugambi wigisha ingene abantu bakwiye gukorana n’abandi biciye mu biganiro, gukorera hamwe , gukora ikibiri, kwumvikana, kwizerana hamwe no kurongora abandi. Uwo mugambi ufise n’intumbero yo guha inyigisho bamwe mu bantu bawitavye kugira bashobore kwigisha abandi mu gucungera amagara y’abantu.
Ikigo c’umuganga Dr. Rath mu vyerekeye amagara y’abantu biremeza yuko cibaza yuko uwo mugambi wo gutera ivyamwa mu gihugu c’Ubugande ushobora gushigwa mu ngiro mu bihugu vyose vyo k’isi. Nkuko umwibutsa ubivuga«Iyo uhaye infungurwa umuntu, uba umufunguriye umunsi umwe, iyo umwigishije ingene yimbura, uba umufunguriye ubuzimwa bwiwe bwose». Hamwe twoshobora kwigisha abantu bose ingene bafungura neza kandi infungurwa zikwiye umugambi w’infungurwa kuri bose kandi kubuntu uzoba uri mu nzira nziza.