Vyanditswe Barnabas Wepere Awiah
Umuyobozi akongera akaba uwashinze ikigo Foundation Great Initiate muri Ghana.
Itanguzwa icese ry’umugambi washinzwe n’ikigo Great Initiate Foundation, ubifashijwemwo n’ikigo kidaraharanira inyungu ca Muganga Rath mu vyerekeye amagara y’abantu « Fondation du Dr Rath pour la Santé’ mu mwaka w’i 2019, ryaragize akamaro ntangere ku rwaruka rw’abakiri bato bageramiwe n’ubukene mu gihugu ca Ghana. Uwo mugambi wakoranye na cane cane n’urwaruka rugeramiwe n’ubukene mu gushinga Inama nshingamateka ku vyerekeye amagara y’abantu mu mashule no mu banyagihugu . Intumbero y’inama nshingamateka ifise akamaro kenshi kuko yigisha abantu ingene bahanahana ivyyumviro n’amajambo, ingene bumvikana kungorane basangiye n’ingene bazitorera umuti.
Intumbero nyamukuru y’umugambi «Urugendo rw’ubuzima» ufatanije n’umugambi wa Ghana mu vyerekeye infungurwa n’ugutunganya ivyerekeye ugufungura neza ibi navyo bikaba ari ikiraro co gushika ku magara meza, n’imibereho myiza. Mu ncamake «Urugendo rw’ubuzima» rufasha leta y’ico gihugu ngo gishike ku mugambi cishinze wo gufasha abanyigihugu mu buzima bwabo na cane cane bafatiye ku bantu bakenye gusumba abandi, ibi bigatuma vyorohereza ubuzima bw’abazaruka ejo .
Ivyifuzo nyamukuru vy’umugambi «Urugendo rw’ubuzima», ivyo navyo bikaba bishigikiye ku kuronswa amazi meza, imfungurwa zikiwiye, amasoko ntanganguvu n’inyigisho nyazo ku banyagihugu biri muvyo ama leta yose yitwararika kuva kera kandi mu bihugu vyo kw’isi. Ariko rero amaleta avyifatamwo mu gutanga inyigisho ziva hejuru mu bategetsi zija mu banyagihugu,umugambi «Urugendo rw’ubuzima» rwifuza ahubwo guhera hasi mu banyagihugu, mu gutanga inyigisho no mu gufasha abanyagihugu gufata ingingo ziberekeye mu vyerekeye amagara y’abantu,infungurwa, amazi meza, amasoko ntanganguvu, ubumenyi no mu vyerekeye akazi.
Isekeza «Amagara meza ku bantu bose kubuntu» rirahambaye gusumba ayandi masekeza kuko rifise umwitwarariko wo gutuza indwara zivuye kukudafungura neza, abanyagihugu nabo bakaba bashobora kurima bakongera bakimbura izo nfungurwa mu gihe bofatwa mu mugongo.
Ikigo «Great Initiate Foundation» cashinzwe muri Ghana kw’igenekerezo rya 1 Nzero mu 2015, i Tamale, mu gihugu ca Ghana, cishinze kugwanya ubukene uko bishobotse kwose muri. Ico kigo kikaba kiri muri rwa rutonde rw’amashirahamwe adaharanira inyungu ariyo bita ONG mu rurimi rw’igifaransa. Intumbero y’iryo shirahamwe n’ugukora ibishobotse kugira abanyagihugu na cane cane abakenye gusumba abandi bashobore kwigenga mu vyerekeye umwimbu. Kugira iryo shirahamwe rishike kuri iyo ntumbero rifasha abanyagihugu bageramiwe n’ubukene kuronka ubumenyi bukwiye bwaba ubuciye mu mashule canke mu bundi buryo inyigisho zitunganijwe.
Kuva uwo mugambi «urugendo rw’ubuzima» utangurwa mu gihugu ca Ghana, ico kigo «Great Initiate Foundation» carashoboye gutanguza ibikorwa mu mashule St Monica, et mu banyagihugu bo mu bwoko bwa Golinga. Ayo mashule ari mu buraruko bw’igihugu . Haba mu banyagihugu canke mu mashule , ibikorwa birangurwa bikongera bigakurikiranwa n’Inama nshingamateka y’ayo mashirahamwe.
Kuva uwo mugambi utangura, hafi abantu 35 bararonkejwe izo nyigisho, ivyo tukabikesha ikigo Great Initiate Foundation gifatanije n’ikigo ca Muganga Dr.Rath arico«Fondation du Dr. Rath pour la Santé». Mu mwaka ugira kabiri w’ibikorwa vy’ico kigo hafi abantu 40 baramaze kuronswa inyigisho. Muri uwo murwi hakaba harimwo abatwara abandi, abajejwe amadini, abavyeyi n’abandi.

Ngibi ivyo abo bana bashikiriza :
Abana bo kwishule ritoya rya St Monica’s RC bakiranye n’igishika cinshi uwo mugambi, raba ivyo bamwe muribo bashikiriza:
“Biranejereje kubona ndi mu rutonde rw’abagize Inama nshingamateka mu vyerekeye amagara y’abantu. Narize ibitari bike mu vyerekeye ugutunganya imirima na cane cane kwubaka amapikinyeri». Musah Najat
“Ico nzi ku duce ngirabuzima tw’umubiri (serire) aritwo cellule mu gifaransa, twakoze neza kuva nsoma ibiri muri iki gitabu «Ibanga ry’uduce ngirabuzima». Ubu ndumva gusumba ingene utwo duce tw’umubiri dukora ” Precious Dittoh
“Sinari nzi gushika ubu yuko ifumbure y’ikizungu rifise ingarukambi ku magara y’abantu. Ninisumbura nzohindura ingendo bigenda”. Atitono Joshua
Abana bo mu bwoko bwa Golinga nabonyene barashima:
„Ninisumbura , nzoba bwanashamba. Sogokuru na data barima ikirimwa c’ubwoko bumwe. Sinarinzi yuko kurima imboga vyoroshe nkuko ndabibonye.” Awudu Laminu
“Ndakunda ibiti vyama ivyamwa kuko biduha ivyamwa dufungura. Mu minsi yahera naragize ingorane mu kuronka ibiti vyo gutera. Uwo mugambi «Urugendo rw’ubuzima warandonkeje ubwoko butatu bw’ibiti bitanga ivyamwa. Ndanezerewe cane”. Mohammed Alhassan
No mu bindi bihugu uretse Ghana uwo Mugambi “Urugendo rw’ubuzima” rurafasha mu vyerekeye ubuzima bw’abantu !