Abarimyi b’amavoka bo muri Kenya ntibarira, igihugu c’Ubushinwa caraye kibemereye yuko bashora ivyamwa vy’amavoka mu gihugu cabo. Mu mwaka wa 2020 ico camwa cinjije muri Kenya amafaranga arenga imiliyoni 100 mu ma dollars yo muri Amerika nukuvuga hafi imiliyaridi 14 mu ma shillingi yo muri Kenya. Bibwirwa benshi bikumva benevyo. None hari icigwa Abarundi bohakura?
Nairobi 25 Ruhuhuma 2022– Igihugu c’Ubushinwa caraye cemereye abarimyi b’ivyamwa nk’ivoka gushora ico camwa mu gihugu cabo. S’ubwambere abo barimyi bo muri Kenya baronka uburengazira bwo gushora ivyamwa vy’avoka mu gihugu c’Ubushinwa. Kuva mu mwaka wa 2019, ico gihugu rutura co muri Aziya cari caremereye abanyakenya yuko bashobora gushora ivyamwa vyabitswe mw’ibarafu mu gihugu c’Ubushinwa, gushika ubu ntibari bwemererwe kubishobora ibisanzwe bimvuye ku mvo zo gutinya indwara canke iyindi mikorobi ijana n’ivyerekeye ibiterwa. Ubu rero iyo ntambamyi yahavuye.

Icamwa c’ivoka bidashobora guhira ku giti. Iyo ico camwa gikomeye kenshi gica gikoroka, gutryo kikabona gusha.
Ubu burenganzira bwo gushora ivyamwa mu Bushinwa bwaraye butanzwe imbere yuko habaye amasezerano hagati y’ivyo bihugu bibiri vya Kenya n’Ubushinwa mu kuronka urupapuro rwemeza yuko ata ngorane z’indwara zoba zikomoka ku mavoka zotandukira ico gihugu mu gihe ico camwa corenga imbibe z’igihugu ca Kenya na cane cane kuvyerekeye ubumara bw’akaranda bita “Peste” mu gifaransa. Ibigo bijejwe gucungera indwara zikomoka ku biterwa co muri Kenya Arico „Kenya Plant Health Inspectorate Corporation” (KEPHIS) gifatanije na kigenzi caco co mu Bushinwa “National Protection Organization of China” vyabanje kuvugana ingene ico gikorwa cotunganywa. Mu ngingo zatunganijwe n’ivyo bigo hariho ivyerekeye :
- Kwubahiriza amategeko akurikizwa mu gihugu c’Ubushinwa ku biraba ibiterwa canke ivyamwa vyinjira muri ico gihugu
- Gusuzuma, muri Kenya nyene, ingene igiterwa ca avoka kirimwa nuko coba cubahiriza ibidukikije tutibagiye ibiraba amagara y’abantu.
Amakuru ashikirizwa n’amashirahamwe yo muri Kenya nka”Horticultural Crops Directorate” avuga yuko igihugu ca Kenya cashoye hafi imiliyoni 70,3 kg vy’amavoka mu mwaka wa 2020, mumwaka wa 2021 uwo mwimbu wageze ku miliyoni 84,5 kg . Uwo mwimbu washoboye kwinjiza mu gihugu ca Kenya hafi imiliyaridi 14 mu ma shillingi yo muri Kenya nukuvuga imiliyoni112 mu ma dollars yo muri Amerika . Aya mafaranga ni menshi cane ku gihugu ca Kenya. Nimwiyumvire rero hamwe Uburundi bwokora gutryo ku vyerekeye icamwa ca mandarine canke imicungwe biva mu ntara za Rumonge, canke mbere amavoka ava mu ntara nka zose zo mu Burundi.
None mu gihugu c’uburundi ibintu bimeze gute ?
Kuvyo tuzi muri kino gihe nta camwa c’amavoka gishorwa hanze y’uburundi, kiretse nimba hariho abigenga babishora mu mpisho canke bigashorwa mu mizigo y’abigenga. Ico tuzi coco nuko ata shirahamwe rya leta rijejwe isuzumwa n’itangwa ry’uburenganzira ku vyimburwa, ivyamwa canke ibindi biterwa rihari mu Burundi kugira bishobore kugurishwa hanze. Kubera ivyo nta gihugu na kimwe gishobora kwemera yuko Uburundi canke abagwizatunga bo mu Burundi bashora ivyamwa canke ibindi biterwa hanze bitabanje kuronka ubwo burenganzira. Ido n’ido kuri iyi nkuru tuzoyibashikiriza mu minsi izoza kuri uwu murongo ngurukanabumenyi nyene.
Icamwa c’avoka n’amagara yanyu
Ico camwa gifise akamaro kenshi ku mubiri wacu. Ntibitanganje rero yuko abanyabulaya bacirukira cane. Ikindi naco nuko kitamera mu ntara zikanye cane nk’i Bulaya, ariko ico camwa kirimburwa mu bihugu bimwe bimwe nka Portugal na Espagne ariko ntawovuga ngo n’umurengera. Umwimbu mwinshi uturuka mu bihugu vyo muri Amerika yo hagati no mu bumanuko, muri Afrika nka Maroc n’ibindi bihugu biri ku rushi nka Israel. Abayahudi nibo usanga bafise uburenganzira gusumba abandi mu gushora ico camwa mu ntara za Bulaya.
None ico camwa c’ivoka gifise akahe kamaro ku magara y’abantu?
Tugisangamwo vitamine n’ivyunyunyu bitandukanye, nimwirabire namwe.
Vitamine/ ivyunyunyu | Akamaro | Ibindi biterwa canke ivyamwa birimwo izo vitamine canke ivyunyunyu dusanga muri avoka |
Vitamine K | Ituma amaraso avura ku rugezo rukwiye, ifasha mu gukomeza amagufa, ifasha mu guhingura isukari yinjira mu mubiri | Brocoli , ishu , amagi , igitigu |
Vitamine B9 | Iyi vitamine yitwa B9 canke acide folique mu gifaransa ifise uruhara ntangere mu mubiri , mu maraso haba ku bakiri bato, abakuze canke abakenyezi. | Iri mu biharage vyera bitetse, ipinari , igitigu n’imboga zitari nke |
Provitamine A | Ifasha mu kugwanya ubumara bwinjira mu mubiri, gufasha abasoda bakingira umubiri, no gushigikira ihingurwa ry’imitsi mishasha mu mubiri. | Tuyisanga mu mboga , ariko no mu magi harimwo urugero rutari ruto |
Vitamine C
|
Vitamine C yarabaye rurangiranwa mu mavitamine, iyo ibuze mu mubiri umuntu aca agwara ya ndwara scorbut ituma aguma avirirana , amenyo agakoroka atawuyakozeko. | Tuyisanga nka hose: mu mboga, ivyamwa . Ariko rero kenshi iricwa n’umucanwa mwinshi canke imishwarara y’izuba |
Vitamine B1, B2, B3, B5, B6
|
Izi vitamine zifasha cane mu mutima no mu miringoti itwara amaraso. Zituma izindi vitamine n’ivyunyunyu vyinjira mu mubiri. | Tuzisanga mu bwoko bwinshi bw’imfungurwa :amata , inyama, ifi, imboga, ipinari, amagi (umuhondo), persil, itomati, inyama zo munda z’ibikoko n’ibindi. |
Vitamine E
|
Ifasha mu gukiza ibikomere no kurwanya ubumara bwinjira mu mubiri, mu kurwanya Kanseri n’indwara z’umutima. | Ingano, amavuta ya tournesol, isoja, amagi. |
Potassium | Izana inguvu mu duce ngirabuzima, ifasha imitsi mu gukora. | Imboga z’ubwoko bwose, imihwi, inyama, ifi, ingano |
Cuivre | Imiringoti itwara amaraso iranonoka kandi igakomera, uduce ngira buzima two mu maraso turakomera. | Beterave, imboga zisa n’icatsi kibisi , ifi, inyama, ifu y’ibiterwa vy’intete |
Fer | Iki cunyunyu kirahambaye kuri bose na cane cane ku bakenyezi bifuza gutwara imbanyi. Kirazana kandi inguvu, kikongera kigafasha umubiri gusa neza. | Tugisanga mu mboga , ipinari, amagi, inyama, inyama zo mu nda, beterave |
Phosphore | Ikomeza amagufa, amenyo hamwe n’ubwonko | Ifi , inyama, iforomaji, amata |
Magnesium
|
Magnesium irakenewe cane mu mitsi (muscle). Niyo ituma umutima utera canke dutambuka. | Tuyisanga mu vyamwa nk’imihwi, imboga , inyama, amata n’ibikomoka kuriyo |
Zinc | Irwanya ubumara bwo mu mubiri, irakiza ibikomere, irafasha mu gukomeza abasoda bacungera umubiri. | Tuyisanga mw’ifi, inyama zo munda z’ibikoko, iforomaji,ibiterwa vy’intete nk’ibiyoba canke cacahuete |
Isoko: Matthias Rath Publishing. Guide de nutrition
None twokuramwo iki muri iyi nkuru ?
Nkuko namaze kubibashikiriza nta shirahamwe ririho mu Burundi rijejwe kwemeza yuko ibiterwa vyimburwa mu Burundi ata kangonongo bifise mu vyerekeye amagara y’abantu. Mu bihugu ishirahamwe nkiryo ribaho, niryo shirahamwe ritangwa”certificat sanitaire”. Mu ncamake ubwo burenganzira buvuga buti: ibi biterwa turabizi neza ingene vyarimwe n’ingene vyimbuwe, nta ngorane bishobora gutera ku magara y’abantu, kandi vyimbuwe hacungerewe ibidukikije. Ariko rero izo ngingo ziva ku bihugu ivyo biterwa bishorwamwo, igihugu cose gifise ivyo gisaba mu kwemerera yuko ikidandazwa kanaka gishobora kwemererwa canke nticemerwe. Muri ivyo bidandanza harimwo n’ibindi biva mu bikoko nk’ifi, ubuki n’ibindi. Ikindi ca kabiri n’ingene ibidandazwa bitegerezwa gutekerwa imbere yuko birungikwa mu ndege canke mu bwato. Abanyamahanga benshi na cane cane mu mubihugu vya bulaya bategekega yuko ibiterwa vyose vyo mu bwoko bumwe bingana mu buremere canke iforoma. Aho twovuga nk’amavoka, imyembe, imicungwe, indimu, itomati n’ibindi. Aho rero haracariho urugendo ruhambaye mu Burundi. Ibi bivuga yuko nimba Abarundi bashaka gushora ibidandazwa mu mahanga bakwiye kubanza gutohoza ico abo baguzi bashaka nico bakunda bimwe bita mu gifaransa “marketing”.
Mu gihe turindiriye yuko haba ishirahamwe nkiryo duhejeje kuvuga, abarundi bakwiye kurabira hamwe ingene hokorwa uburyo bwo guhingura canke kubika ibiterwa vyimbuwe ariko bidashobora kubikika neza. Aho twovuga nk’itomati, imicungwe, mandarine, amavoka n’ibindi vyamwa.
Birababaje kubona umwimbu w’umusesekara nk’imicungwe, itomati, amavoka, canke mbere amata vyononekara kubera yuko abarundi ataburyo bafise bwo gushinga amashirahamwe yo kubihungura canke kubibika neza. Ikigo ca Muganga Dr. Rath kirashobora kubashikiriza ubwo bumenyi bwerekeye uburyo bwo kubika umwimbu igihe kirekire kugira ntiwononekare, canke mukabikuramwo vya nkenerwa vyoshobora kugurishwa nka vitamine ibindi vyunyunyu bihambaye. Hamwe hoba nk’aborozi bafise inka bakabura aho bagurisha amatererwa bashobora gukuramwo canke iforomaji.
Mushobora kubitubaza neza mutwandikiye ku murongo Email : info@urugendorwubuzima.bi .
Isoko y’iyi nkuru: https://www.kenyanews.go.ke/kenya-to-export-avocado-fruits-to-china/
Akabirya
None icamwa c’ivoka giterwa gute ?
Nimukurikire ingingo nkurunkuru zibereka ingene mwokwimbura amavoka.
Muri iki kigabane akabirya mudukundire tubereke ingene mushobora gutera igiti c’ivoka mu ngingo umunani:
- Muhejeje gufungura ivoka , ikaba yabaryoheye, nimubike urubuto
- Nimwoze urubuto mu mazi meza muce murwanikira
- Umutwe w’urubuto urasongoye ( niho igiti gitangura kumerereza kigiye kija mu kirere), ku ntango harabase ( niho imizi ifatira)
- Tegura urubuto kumera
Nimufate uduti tune dusongoye, mudushinge mu rubuto nkuko mubibona kuri iki gicapu
- Nimushire rwa rubuto mu kirahure cuzuye amazi nkuko mubibona kuri iki gicapu. Ariko murabe neza yuko hafi cm 2 z’urubuto ziba mu mazi. Birakenewe cane kugira urubuto rushobore kumera, bikenewe mushobora kwongeramwo amazi mu kirahure.
- Umuvyaro umaze kureha na cm 20, murashobora kuwutera mu gakono kawo karimwo ivu hamwe n’ifumbire
Iyo umuvyaro umaze kungana na cm 30 muce muwutera mu murima aho mwawugeneye. Twobahanura yuko mwoguma muvomera ico giterwa . Ariko ntimugisomeshe nturi kuko s’ifi muriko muraha amazi. Mu bisanzwe bifata hafi imyaka iri hagati y’ine n’indwi ngo mushobore kwimbura.
Nguyo umurima wanyu w’ivoka
Ikigo ca Muganga Dr. Matthias Rath gifasha abarundi kwibohora, bakareka kuzera inze no gusabiriza mu bihugu bitunze. Akava imuhana kaza imvura ihise. Ikindi gihambaye nuko ugufungura neza bituma umuntu ashobora kurwanya indwara zitandukanye n’indwara z’umutima, izigisukari, n’izindi. Umugambi Urugendo rw’ubuzima ufasha Abarundi n’Uburundi kwikura mu bukene.