Amashule ashika 50 yaranyuzwe n’umugambi wo gutera ivyamwa mu gihugu c’Ubugande . Uwo mugambi watangujwe muri Ntwarante 2015 ukaba ufise ingingo yo gutera ivyamwa , imboga , imiti y’ikirundi mu kurwanya ingwara y’umutima. Uwo mugambi urongowe na Gyavira Mwesige, mu gihugu c’Ubugande ukigisha abanyagihugu ubuhinga bwo gufungura neza kandi imfungurwa ngirakamaro. Amashule amwe muri ayo arijukiye kworora ibitungwa. Gutryo uwo mugambi utuma abanyagihugu bateza imbere imigambi yabo yose .
Mu gihugu c’Ubugande abantu benshi barageramiwe n’inzara bakaba bafungura rimwe ku munsi.Ivyo bifise inkurikizi mbi ku buzima bwabo. Bamwe bamwe usanga bonze, ata nguvu bafise zo gukora ibikorwa. Indwara nyinshi zigaca ziboneraho nka wa mugera Sida, igituntu kanseri, ingwara y’igisukari hamwe n’izindi ndwara zandukira. Ku bana izo ndwara zigira ingarukambi gusumba ku bakuze na cane cane ku bana bataragera mu bigero. Vyongeye, ingorane zo kudafungura neza kandi ibikwiye ku bana bifise inkurikizi imyaka myinshi, kenshi ubuzima bwabo bwose .
Gyavira aremeza yuko uwo mugambi wagarukiye abanywanyi benshi mu vyerekeye amagara y’abantu n’imibereho yabo. Mu mashule atari make abakozi benshi bakura infungurwa mu mirima yatunganijwe n’abitavye uwo mugambi. Kuva aho uwo mugambi utanguriye, irimwa ry’ivyamwa ryarateye imbere bimwe biboneka. Ishule imwe yoyo yaragize umwimbu mwiza gushika naho yashoboye no guhingura ibinyobwa bivuye mu vyamwa. Uwo mugambi waragize inyigisho mu bice bibiri: gucungera amagara y’abantu hamwe n’ukuronsa imiryango uburyo bwisununuye mu mafaranga.
Vyaribonekeje yuko abantu benshi baronse ubumenyi batari bafise. Nkubu abana benshi barazi yuko kunywa amazi menshi bishobora kurwanya ivyerekeye kumeneka umutwe. Ivyo vyatumye, mu mashule amenshi, amafaranga agenewe kugura ya miti yo kugabanya ububare agabanuka. Muri kino gihe abana barazi yuko bategerezwa kunywa amazi angana hafi na litiro 2 ku mwana kandi ku munsi. Ibice vy’abantu bagwara ya ndwara ya Malaria vyaragabanutse. Imiti y’ikirundi yaratumye indwara nyinshi zigabanuka.
Abavyeyi b’abana barabonye ibintu vyinshi vyahindutse mu nyifato y’abana babo, ubu basigaye bifuza gufungura ivyamwa vyinshi. Ku miryango myinshi uwo mugambi warabaye isoko ry’ivyiyumviro vyo kwiteza imbere. Icibonekeza cane nuko ivyiyumviro vyo kwiteza imbere biva mu mashule bikagenda mu banyagihugu.
Ku vyerekeye amashule naho, abarimu baremeza yuko abanyeshule basigaye baronka amanota meza mu mashule . Kuronka amanota meza navyo bishingiye na cane cane kugufungura neza. Biraboneka kandi yuko abanyeshule bakurikira neza mw’ishule bivuye ku mpanvu yuko ata nzara baba bafise. Iyo mirima yarabaye akarorero ku banyagihugu bo mu micungararo y’amashule ku buryo baza kuvoma ubumenyi. Nkuko umuyobozi w’uyo mugambi mu gihugu c’Ubugande abimenyesha«Iyo uhinduye inyifato y’abakiri bato, uba uhinduye inyifato y’urwaruka rwose». Ibikorwa vyaranguwe na Gyavira abifashijwemwo n’ikigo ca Muganga Dr. Rath mu magara y’abantu biriko birahindura igihugu c’Ubugande ubutagisubira inyuma.
Urugendo rw’ubuzima , n’umugambi w’isi yose utagwanira inyungu ujejwe gutanguza imigambi y’iterambere mu vyerekeye amagara y’abantu, amazi meza, infungurwa zibereye, amasoko ntanganguvu, ubumenyi n’akazi. Uwo mugambi washinzwe n’ikigo ca Muganga Dr Rath mu vyerekeye amagara y’abantu. Intumbero nyamukuru w’uyo mugambi n’ukurandurana n’imizi indwara zose hakoreshejwe uburyo kama budatryoza amagara y’abantu canke ibidukikije. Uwo mugambi wishinze kandi guteza imbere kuronswa amazi meza kuri bose kandi kubuntu, kurwanya inza, kugwiza amasoko ntanganguvu ashigikiye ibidukikije, kugwanya ubujuju no guteza imbere akazi kw’isi yose.