Infungurwa kuri bose kubuntu

Isekeza “Infungurwa kuri bose ku buntu” ishimikiye ku kurwanya ugufungura nabi n’inzara . Muri iki kigabane duhimiriza guteza imbere ibiterwa n’uburyo bwo kwimbura , tukongera tukiyamiriza vya biterwa mburakaranga arivyo bita “organismes génétiquement modifies “ mu gifaransa.

Nkuko Ishirahamwe Mpuzamakungu rijejwe Infungurwa n’Uburimyi kwi’isi yose(FAO) ribimenyesha, hafi imiliyoni 800 z’abantu kw’isi barageramiwe n’ugufungura nabi . Benshi muri abo bafungura rimwe ku munsi gusa. Ivyo bifise ingaruka mbi zirenze urugero ku buzima bw’abantu benshi na cane cane ku bana bakiri mu rugero rw’amashule kuko ntibashobora gukurikira nezaivyigwan’inzara mu nda.Ibi bivuga yuko ukudafungura nezabifise ingarukambi zihambaye ku bushobozi no ku butunzi bw‘ibihugun’abantu.

Muri rino sekeza ryacu«Infungurwa kuri bose ku buntu» , twigisha abantu ubushobozi n’ibiri mu nfungurwank’ivyamwan’imboga ku magara y’abantu . Tubafasha mu kubaha ubumenyi bufatiye mu gutunganya imirima y’ivyamwa , gutryoabantu bagashobora gufungurira abana babo n’imiryango yabo. Ivyo bituma badasubira kuzera inze ku nfashanyo iva hanze y’igihugu canke ayandi mashirahamwe ajejwe gufashanya . Twigisha abantu gukura amaboko mu mpunzu bakifasha bonyene ntibagume bazera inze ku mfashanyo izova I muhana. Abantu benshi baramaze kumenya akarusho kari mu nfungurwa nzinza , ninaco gituma benshi bamaze gutungunya imirima iteyemwo imboga n’ivyamwa mu ngo nzabo .
Iciyumviro nyamukuri twokura muri iri sekeza «Infungurwa kuri bose kubuntu» ni wa mwibutsa uvuga uti «iyo ufunguriye umuntu uba umuhaye infungurwa z’umunsi umwe , ariko iyo umweretse ingene yimbura , ubu umufunguriye ubuzima bwiwe bwose”. Gufasha abantu gufungura neza n’intambwe ikomeye yo gushika ku buzima bwiza .