Nkuko benshi muri twebwe babizi, igice kinini c’imboga canke ivyamwa dusanga mu tuguriro tunini tumwe bita supermaché mu gifaransa vyimburwa hakoreshejwe umwavu n’umuti wo kurwanya udukoko vyose vy’ikizungu. Iyo tuvuze ivy’ikizungu rero s’ukuvuga yuko ari uburyo kijambere. Ku kaba nkako ivyamwa n’imboga vyimburwa muri kino gihe na cane cane mu bihugu bitunze biruzuye imiti myinshi iyo nayo ifise ingaruka mbi ku magara y’abantu. Iyo mubisanze mu tuguriro, nivyo musanga ivyo vyamwa biteye igomwe ku jisho,biyagayaga, ariko harya uravye neza ukoresheje ubuhinga bwa laboratware usanga vitamine zirimwo ziri ku rushi. Iki gitabu cigisha abantu ubuhinga kama bwo kurima kijambere ku buryo ama vitamine y’ubwoko bwose kandi ngirakamaro aboneka mu nfungurwa! Umuntu wese arashobora gutunganya umurima wiwe w’imboga canke ivyamwa aho aba naho woba mutoya.

Ibinyegezwa biri mu duce ngirabuzima ari bwo “serire”
Umubiri wacu urimwo uduce ngirabuzima duharurwa mu mamiliyaridi. Utwo duce ni dutoya gushika aho umuntu adashobora kutubona n’amaso yiwe. Ariko naho ari duto ni two dutuma umuntu abaho . Ninaco gituma tuvuze tuti « ibinyegezwa».
Iki gitabu «Ibinyegezwa vy’uduce ngirabuzima » gisigura yuko ari nkenerwa yuko utwo duce dukora neza , kikatwereka n’ico twokora kugira utwo duce tugume dukora neza mu mubiri.
Iki gitabu gifise akamaro ntangere ku bigisha bategerezwa guha iyo nyigisho abanyeshule babo.

Abagenzi bari mu nanasi
Iki gitabu kiri mu rukirikiranwe rwa ca gitabu c’abana bakiri bato «Ibinyegezwa vyo mu duce ngirabuzima”. Iki gitabu gisigura uruhara ntangere rwa za vitamine mu mfungurwa na cane mu kugaburira uduce ngirabuzima. Cigisha ubudasa buri hagati y’imfungurwa nziza n’infungurwa zitabereye.
Iki gitabu categuriwe abana gushika ku myaka 11“Abagenzi bari mu nanasi” gisigura neza ingene infungurwa nyazo uzisanga mu vyamwa n’imboga.
Iki gitabu kirongera kikabacira agace mu gutanga uburero butatu bw’ingene imfungurwa zitegurwa . Gutryo iki gitabu abana baca babona ingene infungurwa zifasha mu kugira amagara meza!

Agatabu nkaburabwenge ngendanwa kuri vitamine
Agatabu nkaburabwenge kuri vitamine n’isoko ntangere ry’ubumenyi ku vyerekeye vitamine n’imfungurwa zirimwo, aho twovuga imboga hamwe n’ivyamwa.
Iki gitabu kirerekana urutonde rwa vitamine n’infungurwa zamukamwo. Kirongera kigasigura isano n’akamaro izo vitamine zishobora kugirira ubuzima bw’abantu.
Iki gitabu gifise akamaro kanini ku bigisha canke ku banyeshule ariko na cane cane ku muntu uwari wese. N’igitabu canditse neza kandi coroshe gusoma!

Cellular Medicine recipe book
This is a recipe book with a difference.
The ingredients used throughout have been carefully chosen on the basis of scientific studies showing that the micronutrients they contain can prevent or control specific chronic diseases. Make these recipes part of your regular diet and you will soon see improvements in your overall health, including your physical and mental energy levels.

Muganga Dr. Rath atubwira ingene indwara ya Korona yandurwa n’ingene twoyirinda dukoresheje uburyo kama bufatiye ku nfungurwa za vitamine n’ibindi vyunyunyu dusanzwe tuzi.
Abantu benshi bo mu Burundi no mu makungu baramaze kwumva ivyerekeye umugera wa Korona wateye ico kiza nyene haraheze hafi imyaka irenga 2.
Bamwe muri mwebwe baranduye uwo mugera , bamwe barakize ariko turazi yuko hariho n’abandi bahasize ubuzima , haba mu Burundi canke mu bindi bihugu vyo kw’isi. Turahojeje imiryango yabo. None mwoba muriko mugwanya ico kiza ca Korona gute ? Niyihe nyifato mwokurikiza?
Muganga Dr. Rath, umuhinga mu vyerekeye indwara z’umutima n‘izandukira yaratohojeje mu bushakashatsi ivyerekeye iyo ndwara , nimumukurikire . Muganga Dr. Rath avuga mu congereza ariko murashobora gukurikira ikiganiro mu Kirundi : fyonda kuri settings-subtitle- Kirundi.
