Ubumenyi kuri bose kubuntu

Isekeza “Ubumenyi kuri bose kubuntu” bufasha abantu kurwanya  ubujuju no kutamenya kw’isi. Twifuza yuko umuntu wese ategerezwa kuronswa urufunguzo rutuma ashika ku bumenyi buhagije buciye ku buhinga ngurukana bumenyi bukoresha vya vyuma nyabwonko bufatiye kuri Internet.

Ishirahamwe Mpuzamakungu rijejwe Inyigisho, Ubushakashatsi n’Imico kama ariryo UNESCO mu mpfunyapfunyo ryemeza yuko hafi abantu imiliyoni 750 kw’isi  batazi gusoma no kwandika. Ukutamenya gusoma no kwandika n’ingorane ikomeye mu bihugu vyinshi vyo muri Afrika iri munsi y’ubugaragwa bwa Sahara, muri ivyo bihugu hafi abana imiliyoni 250 nta burenganzira bafise bwo gukurikirana amashule

Kutamenya gusoma no kwandika n’intambamyi ikomeye mu gushikira ubumenyi . Ibi navyo bifise ingarukambi ku butunzi bw’umuntu wese kuko ubuzi bwinshi butunganijwe ku bantu bakurikiye amashule . Vyongeyeko biragoye ku muntu atazi gusoma no kwandika ngo ashobore kuronswa ubumenyi mu vyerekeye amagara y’abantu . Ivyigwa vyose birerekana yuko hariho isano hagati y’ubumenyi n’imibereho y’abantu.

Tubiravye neza umugambi wacu ushimikiye cane cane ku buryo abantu boronka ubumenyi.

Twibaza yuko uburenganzira buhabwa abantu kuronka inyigisho biri muri bimwe mu biranga agateka ka zina muntu wese , ubwo burenganzira nabwo bukwiye guhabwa umuntu wese kubuntu ata mpari zikwiye kuhaba ata n’ikiguzi. Iyo ubwo burenganzira butahari nta kwishira no kwizana bibaho ku bantu.

Abantu ntibashobora kwiyumvira ivyo batazi canke batumvise kubera yuko badafise uburyo bwo gushikira ubwo bumenyi canke uburyo bwo gutumatumanako amakuru.

Dufatiye no mu bihugu bimaze gutera imbere usanga abana bashobora gukurikira amashule ku buntu , hariho ubumenyi bwinshi mu vyerekeye amagara y’abantu bataronswa na cane cane mu vyerekeye infungurwa kama, zitayovye hakoreshweje imiti canke ubuhinga bw’ikizungu.

 

Dufatiye no mu mashule y’ubuvuzi , hariho benshi muri bo bataronswa inyigisho mu vyerekeye infungurwa . Ibi bituma no mu baganga baheza amashule , batazi na gato ubushakashatsi bushasha buvuka ku munsi ku munsi mu vyerekeye uburyo kama bufatiye ku nfungurwa, bwo kurwanya indwara. Amashirahamwe ya rutura mu vyereyekeye imiti niyo yonyene yigungana ubwo bumenyi bubungukira amamiliyaridi n’amamiliyaridi mu ma dollars y’abanyamerika

 

Igicapo mubona ngaho hejuru cerekana kimwe mu bikorwa turangura kugira abantu bose bashobore kuronswa ubumenyi ata wanrya wangura . Mu gihugu c’Ubugande abana baratanguye kuronswa ubumenyi mu vyerekeye ubuvuzi buciye ku nfungurwa . Abana barigishwije ingene ukutaronswa infungurwa ngombwa bitera ingwara nyinshi dusangaho muri kino gihe. Abana barigishijwe ingene ivyamwa , imboga ari isoko rihambaye rya vitamine n’ibindi vyunyunyu usanga mu mu nfungurwa. Abana baciye bakoresha ubwo bumenyi mu kurima no kwimbura ivyamwa n’izindi mboga mu mirima yo ku mashule canke mu ngo iwabo . Umugambi twantanguje i Bugande urerekana urufatangane rw’amasekeza twatunganije kandi tubashikiriza.

Ubuzima bwiza kuri bose ntibushoboka mu gihe ata nfungurwa zihari kuri bose , mu gihe ata bumenyi buhari kuri bose kandi kubuntu.