Isekeza ryacu “Amasoko ntanganguvukuri bose»uhimiriza kandi ugashigikira ikoreshwa ry’amasoko ntanganguvu yubahiriza ibidukikije.Muri kino gihe,hafi umuliyaridi w’abantu kw’isi ntufise uburenganzira bwokuronka nogukoresha umuyangankuba . Hafi abantu imiliyoni 600 muri abo baba mu ntara zaAfrikairi munsi y’ubugaragwa bwa Sahara. Ukutaronswa umuyagankuba bifise inkurikizi zihambaye ku bushobozi bw’ibihugu mu gushikiriza inyigisho abanyagihugu tutibagiye gushinga no gushigikira amashirahamwe mato mato n’ayisumbuye mu guteza imbere ubutunzi. Birakenewe yuko iyo ntambamyi iva mu nzira kugira ibihugu bishobore nta ntaryo guteza imbere ubutunzi.
Imwe mu ntambamyi nyamukuru zituma abantu bataronswa uburenganzira bwo gushika ku masoko ntanganguvu gushika muri ikikinjana giheze , iva ku mashirahamwe amwe amwe ya rutura mu vyerekeye icukura n’ihingurwa ry’ibitoro . Ayo mashirahamwe anigira mu menshi abanyagihugu mu kubagumiza ku ntwaro ifatiye ku biciro vy’agahotoro ku bitoro biva mu kuzimu . Uno munsi turiko turavuga , ayo mashirahamwe abandanya yipfuzakubohera imugongo abantu n’ibihugu ku masoko ntangunvu y’ibitoro mu gihe hariho uburyo bushasha bw’amasoko ntanganguvu akingira ibidukikije yamaze kuboneka . Ariko naho ayo masoko.ntanganguvu akingira ibidukikije yabonetse ntarakwiragira neza mu bihugu bikiri mu nzira y’amajamberenkuko bimeze mu bihugu bitunze. Iyo ubwo buhinga buba bwarakwiye , ibihugu vyo muri afrika munsi ya sahara vyohatoreye akoyokwe mu gihe ibi bihugu bifiseamahirwe yo kuronkaimishwarara y’izuba hafi iminsi yose mu mwaka.Umuyagankuba uva ku zuba wogirira akamaro ntangere ibihugu bikiri mu nzira y’amajambere kugira bishobore kugira umwimbu ushimishije bitarinze gusabiriza mu bihugu biteye imbere canke mu mashirahamwe rutura ahingura ibitoro.Ikoreshwa ry’ubwo buhinga bufatanije n’amasoko ntanganguvu akoresha umuyaga birashobora guhindura ubuzima bw’abantu isinzi.
Ibi vyose bituma ibihugu bishinga amashirahamwe mato mato , bikigisha abantu benshi , ibi navyo bigatuma , ubumenyi butera imbere , abantu bakaronswa akazi . Isekeza ry’amasokontanganguvukuri boserifasha kugira umugambi nyamukuru wacu ubandanye utera imbere .
Ubumenyi kuri bose kubuntu