Muri Ntwarante mu mwakawa2015,umurwi ugize «Urugendo rw’ubuzima» mu gihugu c’Ubugande” urongowe na Gyavira Mwesigwa Bugigi, waratanguje umugambo wo gutera imboga n’ivyamwakw’ishule ritoya St Agnes mu gisagara Mbarara, mu burengerazuba bw’igihugu c’Ubugande. Uwo mugambi ukoresha uburyo kama , gutanga inyigisho mu mashule no ngo ziri mu micungararo. Kuva uwo mugambi ushika muri iyo ntara amashule ashika 50 yaritavye uwo mugambi mu gutera ivyamwa , imboga hamwe n’imiti y’ikirundi. Hariho n’ibihugu bibanyi vyitavye uwo mugambi.
Imirima yateguwe ikurikijwe ivyafunditswe n’ Inama Nshingamateka y’amagara y’abantu mu mashule. Abagize izo nama nshingamateka mu mashule bategura amanama ahuza amashule yabo, akaba ari nongaha hafatwa ingingo zikomeye zituma ibikorwa birangurwa . Abana bitaba ayo manama arabafasha cane mu buzima bwa minsi yose, atuma bumva bakongera bamenya ingenebigenda mu batwara canke abatwarwa.Ibi bikaza bizotuma bategura Burundi bwejo.
Iki gitabu „ Inama Nshingamateka y’Amagara y’abantu mu mashule“ gifise akamaro ntangere mw’iterambere ry’ubumenyi ubukerebutsi n’imibereho y’abana bakiri bato mu mashule n’imiryango yabo“
- Ubwambere iki gitabu cagenewe abarimu hamwe n’abakozi bafasha imiryango mu mibereho ya minsi yose hamwe n’abanyeshule. Ingingo ziri muri iki gitabu zerekana isano riri hagati y’infungurwa nziza n’amagara y’abantu. Infungurwa nziza nazo ziva mu mboga, ivyamwa birimwe hakurikijwe imico kama nkuko ba Sokuru bacu bahoro barima hataraza umwavu w’ikizungu.
- Ubwa kabiri iki gitabu gitegura urwaruka kuri kazoza, ingene rwomenya gukorera mu mashirahamwe, rugashira imbere cane cane umwumvikano, ibiganiro n’ugukorera hamwe. Nimba mushimye gukorana n’ikigo “Urugendo rw’ubuzima” kugira mushobore gutanguza”Inama Nshingamateka y’Amagara y’abantu mu mashule” yanyu ntimutangwe kuturungikira ubutumwa ( link email address : info@urugendorwubuzima.bi) , tuzoterwa iteka no kubibafashamwo. Abarundi n’Uburundi barafise uburyo bwo kwiteza imbere batarinze kuzera inze hanze.