Ukuri guca mu ziko ntigusha

Ikinyoma, ububeshi bimeze nk’umuntu afashe ca cuma kiduza abantu n’ibintu mu mazu maremare bita ascenseur mu rurimi rw’igifaransa, biranyaruka gushikira abantu kugira bimenyekane. Ukuri gufata ingazi n’ukuvuga yuko gushika gutevye, ariko gushika ari kwose atakivuyeko. Iyo ikinyoma gitowe yuko ari co, kimera nk’ibarafu kuzuba canke mu mucanwa: kirazimangana uwagishikirije nawe agasigara ari ikimaremare mu bandi.…

Imiti y’ikirundi yoba ifise kazoza?

Ibihugu bikiri mu nzira y’amajambere canke bimaze kwisunura gatoya biriko birarangura intambwe ikomeye mu guteza imbere imiti y’ikirundi canke imiti ifatiye ku buhinga kama, ubwo bumenyi tukaba twabusigiwe nabo hambere. Ivyo bihugu vyatanguye gukorana n’ibihugu hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu mu gushinga amashirahamwe yo kuyungurura ibiterwa kugira imiti ivuyemwo ishobore gufasha abarwayi. None ibintu bimeze gute mu…

Ubuvuzi bwa none bushingiye ku duce ngirabuzima

Ubuvuzi bwa none bushingiye ku duce ngirabuzima Ubuvuzi bufatiye mu duce ngirabuzima aritwo bita “cellule”mu gifaransa n’ubuhinga bushasha bwo kuvura bwavumbuwe na Muganga Dr. Matthias Rath, umuganga rurangiranwa yakoranye na wa munyabwenge Dr. Linus Pauling wo muri Leta Zunze Ubumwe z’Amerika, akaba ari mu bahinga bane gusa mu baronse agashimwe kitiriwe Nobel incuro zibiri( Chimie no…

ITANGUZWA RY’UMUGAMBI W’INDIMO ZA RUSANGI MURI WA MUGAMBI NYAMUKURU W’URUGENDO RW’UBUZIMAMU GIHUGU CA MALAWI

Vyanditswe na  Doreen Kumwenda Jephtar Nkibona ubwambere umuhora ngurukanabumenyi « Urungendo rw’ubuzima » nkongera nkihweza ibikorwa biteye igomwe vyaranguwe kw’isi , na cane cane mu gihugu co mu Bugande , naciye ngira nti natanzwe . Nca nkora uko nshoboye kugira ntaguze uwo murwi nkoresheje ishirahamwe ryigenga ryanje “Fondation Emmanuel”. Mfatanije n’umurwi dukorona twaciye turondera imiryango twoshobora gukorana…

GUTEZA IMBERE AMAGARA Y’ABANTU MU RWARUKA RUGERAMIWE N’UBUKENE MU GIHUGU CA GHANA

Vyanditswe  Barnabas Wepere Awiah Umuyobozi akongera akaba uwashinze ikigo  Foundation Great Initiate muri Ghana. Itanguzwa icese ry’umugambi washinzwe n’ikigo Great Initiate Foundation, ubifashijwemwo n’ikigo kidaraharanira inyungu ca Muganga Rath mu vyerekeye amagara y’abantu « Fondation du Dr Rath pour la Santé’ mu mwaka w’i 2019, ryaragize akamaro ntangere ku rwaruka rw’abakiri bato bageramiwe n’ubukene mu gihugu…

ITANGUZWA ICESE RY’IMIRIMO RUSANGI MU GIHUGU C’UBUGANDE.

Umugambi “Urugendo rw’ubuzima”mu gihugu c’Ubugande caratanguje igikorwa gishasha icambere catanguwe camaze kurangira  . Igikorwa ca kabiri cakoranije abarimyi, abigisha , abubatsi abarongoye abandi ku misozi. Uwo mugambi mushasha ushigiye cane cane imirima y’akarorero kugira abantu bavome ubwenge n’ubumenyi, maze bashobore gushika kuri za ntumbero twamaze gushikiriza: amagara meza kuri bose, akazi kuri bose, infungurwa kuri…

KUGWANYA INGWARA Y’UMUTIMA MU BUGANDE : «URUGENDO RW’UBUZIMA» RWAFASHIJE MU GUTERA HAFI IVYAMWA BIRENGA 12.000

Umugambi  Urugendo rw’ubuzima mu Bugande uherutse kumenyesha yuko washoboye gutera ibiti vy’ivyamwa birenga 12.000 muri ico gihugu. Ivyo biti vy’ivyamwa vyatewe muri wa mugambi rusangi «Tugwanye indwara y’umutima mu gutera ivyamwa». Uwo mugambi ufise intumbero yo kwigisha abanyagihugu bo mu gihugu c’Ubugande hamwe n’ibindi bihugu nk’Uburundi ivyaranguwe n’ubushakashatsi bwa Muganga Dr. Rath n’umurwi bakorana. Ubwo…