Ukuri guca mu ziko ntigusha

Ikinyoma, ububeshi bimeze nk’umuntu afashe ca cuma kiduza abantu n’ibintu mu mazu maremare bita ascenseur mu rurimi rw’igifaransa, biranyaruka gushikira abantu kugira bimenyekane. Ukuri gufata ingazi n’ukuvuga yuko gushika gutevye, ariko gushika ari kwose atakivuyeko. Iyo ikinyoma gitowe yuko ari co, kimera nk’ibarafu kuzuba canke mu mucanwa: kirazimangana uwagishikirije nawe agasigara ari ikimaremare mu bandi.…

Imiti y’ikirundi yoba ifise kazoza?

Ibihugu bikiri mu nzira y’amajambere canke bimaze kwisunura gatoya biriko birarangura intambwe ikomeye mu guteza imbere imiti y’ikirundi canke imiti ifatiye ku buhinga kama, ubwo bumenyi tukaba twabusigiwe nabo hambere. Ivyo bihugu vyatanguye gukorana n’ibihugu hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu mu gushinga amashirahamwe yo kuyungurura ibiterwa kugira imiti ivuyemwo ishobore gufasha abarwayi. None ibintu bimeze gute mu…

Ubuvuzi bwa none bushingiye ku duce ngirabuzima

Ubuvuzi bwa none bushingiye ku duce ngirabuzima Ubuvuzi bufatiye mu duce ngirabuzima aritwo bita “cellule”mu gifaransa n’ubuhinga bushasha bwo kuvura bwavumbuwe na Muganga Dr. Matthias Rath, umuganga rurangiranwa yakoranye na wa munyabwenge Dr. Linus Pauling wo muri Leta Zunze Ubumwe z’Amerika, akaba ari mu bahinga bane gusa mu baronse agashimwe kitiriwe Nobel incuro zibiri( Chimie no…