Isekeza “Amazi meza kuri bose kubuntu”rifise intumbero yo guteza imbereironswa ry’amazi meza kuri bose . Twibaza yuko ubushobozi buhabwa uwariwese mu kuronswa amazi meza ari kimwe mu bigenga agateka ka zina muntu wese.
Ukuronswa amazi meza , niyo ngingo yambere mu vyerekeye agateka ka zina muntu wese . Ikibabaje nuko tubona yuko mu ntara n’ibihugu bimwe amashiramwe rutura ashakakwizizira ivyerekeye gutunganya amazi meza n’ukuyagira nkuko amazi yoba ari rwayo bwite. Twibaza yuko kwinyagira ivyerekeye amazi meza mu gukuramwo inyungu y’umurengera bidahuye n’ineza ya benshi mu banyagihugu. Aho turiko turavuga cane cane ibihugu bikiri mu nzira y’amajambere usanga ivyerekeye abategetsibatangura kwiziziraikoreshwa ry’amazi kugira bashobore gushika mu vyerekeye gutwara abantu . Kuronswa amazi meza ni kimwe mu biranga iyubahirizwa ry’agateka ka kiremwa muntu.
Iyi si tubako igizwe hafi ku bice 70% n’amazi , ariko ibice 3 % vy’ayo mazi nivyo abantu bashobora kunywa canke gukoresha mu bintu vya nkenerwa iminsi yose. Muri ivyo bice bibirikuri bitatu bigizwe n’amabarafu mu ntara zikanye, ayo mazinayo ntashobora gukoreshwa vyoroshe kuko bisabaubuhingabuhambaye.Ishirahamwe Mpuzamakungu rijejwe Ibidukikije (WWF) ritangaza yuko hafi umuliyaridi w’abantu kwi’isi bataronka amazi meza , abashika imiliyaridi 2 n’imiliyoni ibihumbi 700 baronka amazi amezi 11ku mezi 12 agize umwaka . Ku bandi bashika imiliyaridi 2 n’imiliyoni 400 baronka amazi vya nabi nabi canke amazi mabi, ibi navyo bikaba ari intandukiro y’indwara iciye ku mazi mabi nka cholera , indwara ya tifusi n’izindi ndwara zandukira biciye ku mazi mabi.
Kugira dutorere umuti ico kibazo , isekeza «Amazi meza kuri bose kubuntu» risaba abanyagihugu gutunganya imigambi y’akarorero mu kurwanya isesagura ry’amazi canke gutoratoranya amazi y’imvura canke mu mariba kugira ayo mazi ashobore gukoreshwa mu kuvomera canke mbere mu bintu bimwe bimwe vy’uburaro. Ukuronswa amazi meza bituma abantu boroherwa bakongera bakifasha, bikanafasha n’ayandi masekeza gushika ku ntumbero yishinze. Mu ntara amaziatari menshi iri sekeza ryerekeye amazi meza rifatanije cane n’isekeza ry’infumgurwa zikwiye. Kukaba nkako ata mazi ariho n’uburimyi ntibushoboka.